Zaburi 92:1-15
Agahibongozo, ururirimbo, ku bw’umusi w’isabato.
92 Ni vyiza gukengurukira Yehova+No guhibongoreza izina ryawe, ewe Musumbavyose+!
2 Ni vyiza gutangaza mu gitondo ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+N’ubwizigirwa bwawe mu majoro+,
3 Ku gicurarangisho c’imirya cumi no ku gitari+,Mu muziki usamirana ku nanga+.
4 Kuko watumye nezerwa, ewe Yehova, kubera igikorwa cawe;Kubera ibikorwa vy’amaboko yawe, ndiha akamo k’umunezero+.
5 Ese ukuntu ibikorwa vyawe bihambaye, Yehova we+!Ivyiyumviro vyawe birimbitse rwose+.
6 Nta muntu w’imburabwenge yobimenya+,Kandi nta kijuju cobitahura+.
7 Iyo ababisha banaze nk’ivyatsi+,N’abakora ibibabaza bose bagashurika,Ni ukugira ngo bazimanganywe buhere+.
8 Mugabo wewe uri iyo hejuru gushika igihe kitagira urugero, ewe Yehova+!
9 Kuko, ehe abansi bawe, ewe Yehova+,Kuko, ehe abansi bawe bazoyogera+;Abakora ibibabaza bose bazotandukanywa+.
10 Mugabo uzoshira hejuru ihembe ryanje nka rirya ry’ishūri y’inyeshamba+;Nzokwibombekesha amavuta mashasha+.
11 Ijisho ryanje rizokwitegereza abansi banje+;Amatwi yanje azokwumva ivy’abampagurukira, inkozi z’ikibi.
12 Umugororotsi azoshurika nk’ikigazi+;Azokura nk’isederi ry’i Libani+.
13 Ababaditswe mu nzu ya Yehova+,Mu bigo vy’Imana yacu+, bazoshurika.
14 Bazoba bagitagarara no mu gihe bazoba bari n’imvi ku mutwe+,Bazoguma badoshe, batotahaye+,
15 Kugira batangaze ko Yehova agororotse+.Ni we Gitandara canje+, atagiramwo ibitagororotse+.