Zaburi 91:1-16
91 Uwo wese yibera ahihishije+ ha Musumbavyose+Azokwironsa uburaro mu gitutu ca Mushoboravyose+.
2 Nzobwira Yehova nti: “Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye+,Imana yanje nzokwizigira+.”
3 Kuko we ubwiwe azokurokora agukize umutego w’umutezi w’inyoni+,Agukize ikiza giteza amarushwa+.
4 Azozibira inzira ishika aho uri akoresheje amubi yiwe+,Kandi uzohungira munsi y’amababa yiwe+.Ukuri kwiwe+ kuzoba inkinzo yagutse+ n’ikibambazi.
5 Ntuzotinya ikintu na kimwe giteye ubwoba mw’ijoro+,Canke umwampi+ uguruka ku murango,
6 Canke ikiza kigendagenda mu muzimagiza+,Canke agatikizo kanyaga ku mutaga+.
7 Igihumbi bazogwa iruhande yawe,Ibihumbi cumi na bo iburyo bwawe;Wewe ntibizokwegera+.
8 Uzorabisha amaso gusa+Wibonere agahembo k’ababisha+.
9 Kubera ko wavuze uti: “Yehova ni ubuhungiro bwanje+,”Wagize Musumbavyose ubwiwe aho uba+;
10 Nta cago kizogushikira+,Eka nta n’ikiza kizokwegēra ihema ryawe+.
11 Kuko azoha abamarayika biwe itegeko ku bikwerekeye+,Ngo bakurinde mu nzira zawe zose+.
12 Bazokurerura mu maboko yabo+,Ngo ntihagire ibuye ukubitako ikirenge+.
13 Uzohonyanga intambwe y’umukangara be n’imvuvyi+;Uzokandagira intambwe y’umukangara y’umugāra na ca kiyoka kinini+.
14 Ko yanyiyumvisemwo+,Nanje rero nzomukiza+.Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje+.
15 Azonyambaza, nanje ndamwishure+.Nzobana na we mu marushwa+.Nzomutabara, ndamuninahaze+.
16 Nzomuhaza ubwinshi bw’imisi+,Ntume abona ubukiriro bwanje+.