Zaburi 91:1-16

91  Uwo wese yibera ahihishije+ ha Musumbavyose+Azokwironsa uburaro mu gitutu ca Mushoboravyose+.   Nzobwira Yehova nti: “Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye+,Imana yanje nzokwizigira+.”   Kuko we ubwiwe azokurokora agukize umutego w’umutezi w’inyoni+,Agukize ikiza giteza amarushwa+.   Azozibira inzira ishika aho uri akoresheje amubi yiwe+,Kandi uzohungira munsi y’amababa yiwe+.Ukuri kwiwe+ kuzoba inkinzo yagutse+ n’ikibambazi.   Ntuzotinya ikintu na kimwe giteye ubwoba mw’ijoro+,Canke umwampi+ uguruka ku murango,   Canke ikiza kigendagenda mu muzimagiza+,Canke agatikizo kanyaga ku mutaga+.   Igihumbi bazogwa iruhande yawe,Ibihumbi cumi na bo iburyo bwawe;Wewe ntibizokwegera+.   Uzorabisha amaso gusa+Wibonere agahembo k’ababisha+.   Kubera ko wavuze uti: “Yehova ni ubuhungiro bwanje+,”Wagize Musumbavyose ubwiwe aho uba+; 10  Nta cago kizogushikira+,Eka nta n’ikiza kizokwegēra ihema ryawe+. 11  Kuko azoha abamarayika biwe itegeko ku bikwerekeye+,Ngo bakurinde mu nzira zawe zose+. 12  Bazokurerura mu maboko yabo+,Ngo ntihagire ibuye ukubitako ikirenge+. 13  Uzohonyanga intambwe y’umukangara be n’imvuvyi+;Uzokandagira intambwe y’umukangara y’umugāra na ca kiyoka kinini+. 14  Ko yanyiyumvisemwo+,Nanje rero nzomukiza+.Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje+. 15  Azonyambaza, nanje ndamwishure+.Nzobana na we mu marushwa+.Nzomutabara, ndamuninahaze+. 16  Nzomuhaza ubwinshi bw’imisi+,Ntume abona ubukiriro bwanje+.

Utujambo tw'epfo