Zaburi 90:1-17

Isengesho rya Musa, wa muntu w’Imana y’ukuri+. 90  Ewe Yehova, wewe ubwawe watubereye ahantu nyakuri ho kuba+Iyaruka ku rindi+.   Imbere y’uko imisozi ivuka+,Imbere y’uko utangura kuvyara isi+ be n’ubutaka bwimbuka+, nko mu bubabare bw’ibise,Mbere kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, uri Imana+.   Utuma umuntu buntu asubira mu mukungugu+,Ukavuga uti: “Nimusubireyo, mwebwe bana b’abantu+.”   Kuko imyaka igihumbi mu maso yawe ari nk’ejo hahise+,Nk’iterama mw’ijoro+.   Warabakukumuye+; bacika itiro risa+;Mu gitondo bameze nk’ivyatsi bitoto bihinduka+.   Mu gitondo birashurika, bigategerezwa guhinduka+;Ku mugoroba birakabirana, bikuma ata gisivya+.   Kuko mw’ishavu ryawe turangiye+,Kandi duhagaritswe umutima n’ubushangashirwe bwawe+.   Washize amakosa yacu imbere yawe+,Ibinyegejwe vyacu ubishira imbere yo mu maso hawe hakaka+.   Kuko imisi yacu yose iyonze kubera uburake bwawe+;Turangije imyaka yacu nk’ubwongoshwe+. 10  Imisi y’imyaka yacu ni imyaka mirongo irindwi+;Kandi naho yoba imyaka mirongo umunani bivuye ku nkomezi zidasanzwe+,Nubundi ibiyiranga ni ivyago n’ibibi gusa+;Kuko ihita ningoga, natwe tukaba tugurutse+. 11  Ni nde azi inkomezi z’ishavu ryawe+N’uburake bwawe hisunzwe ukugutinya+? 12  Twereke ingene duharura imisi yacu mu buryo butuma+Turonka umutima w’ubukerebutsi+. 13  Nugaruke, Yehova we+! Bizogeza ryari+?Niwicuze ku bijanye n’abasavyi bawe+. 14  Mu gitondo nuduhaze ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kugira ngo twihe akamo k’umunezero, tunezerwe mu misi yacu yose+. 15  Nutume tunezerwa ibihwanye n’imisi waduteje amarushwa+,Imyaka twabonye ivyago+. 16  Igikorwa cawe nikiboneke imbere y’abasavyi bawe+,Ubwiza bwakaka bwawe na bwo ku bana babo+. 17  Ubwiza bwa Yehova Imana yacu nibube kuri twebwe+,Kandi igikorwa c’amaboko yacu ugishimangire kuri twebwe+.Egome, igikorwa c’amaboko yacu, nugishimangire+.

Utujambo tw'epfo