Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 9:1-20

Ku muyobozi, kuri Muti-labeni. Agahibongozo ka Dawidi. א [ʼAlefu] 9  Nzoguhaya, Yehova we, n’umutima wanje wose+; Nzomenyesha ibikorwa vy’agatangaza vyawe vyose+.   Nzonezerwa nongere nigine muri wewe+, Nzohibongoreza izina ryawe, ewe Musumbavyose+! ב [Beti]   Abansi banje nibasubira inyuma+, Bazotsitara, bayogere bave imbere yawe+.   Kuko washikije urubanza rwanje n’imburano zanje+; Wicaye ku ntebe y’ubwami, uca imanza mu bugororotsi+. ג [Gimelu]   Wahambariye amahanga+, waranduye umubisha+. Izina ryabo warihanaguye gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.   Wa mwansi we, ukugirwa umusaka kwawe kwarangutse rwose+, Mbere n’ibisagara waranduye+. No kuvugwa ntibazokwongera kuvugwa+. ה [Heʼ]   Nayo Yehova, azovyagira gushika igihe kitagira urugero+, Ashimangire intebe yiwe y’ubwami ku bw’urubanza+.   Kandi ubwiwe azocira urubanza ubutaka bwimbuka, mu bugororotsi+; Azosomera urubanza imiryango y’amahanga mu kugororoka+. ו [Vau]   Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe+, Ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa+. 10  Abazi izina ryawe bazokwizigira+, Kuko utazogenda uhevye abakurondera, Yehova we+! ז [Zayini] 11  Nimuhibongoreze Yehova, umwe aba i Siyoni+; Nimuyage mu bisata vy’abantu ibikorwa vyiwe+. 12  Kuko, niyarondera amaraso yasheshwe+ abo ntazobura kubibuka+; Ntashobora kwibagira amaborogo y’abarushwa+. ח [Heti] 13  Ngirira ubutoni, Yehova we; raba amarushwa yanje ntezwa n’abanyanka+, Wewe unduza ukankura mu marembo y’urupfu+, 14  Kugira ngo menyeshe ibikorwa vyawe vyose bibereye gushemezwa+ Mu marembo+ y’umukobwa wa Siyoni+, Kugira nezererwe ubukiriro bwawe+. ט [Teti] 15  Amahanga yarokeye mu cobo yimvye+; Urusenga+ yanyegeje, ni rwo ikirenge cayo cafatiwemwo+. 16  Yehova amenyekanira ku rubanza yashikije+. Umubisha afashwe n’igikorwa c’amaboko yiwe+. Higayoni*. Sela. י [Yodi] 17  Ababisha+ bazosubira mu kuzimu+, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana+. 18  Kuko umworo atazokwama yibagirwa+, Eka n’icizigiro c’abatekereza ntikizokwigera gihona+. כ [Kafu] 19  Haguruka, Yehova we! Umuntu buntu ntabe ari we yiganza mu nkomezi+. Amahanga nacirwe urubanza mu maso yawe+. 20  Nubashiremwo ubwoba, Yehova we+, Kugira amahanga amenye ko ata kindi ari atari abantu buntu+. Sela.

Amakuru yiyongereye

“Higayoni” ni ijambo ry’igiheburayo rijanye n’ivy’umuziki ritazwi insobanuro.