Zaburi 89:1-52

Masikili. Ni izaburi ya Etani Umwezerahi+. 89  Ivyo Yehova yerekaniramwo ubuntu bwuzuye urukundo, nzobiririmba mbere gushika igihe kitagira urugero+.Uko iyaruka rikurikira irindi, nzomenyesha ubwizigirwa bwawe n’akanwa kanje+.   Kuko navuze nti: “Ubuntu bwuzuye urukundo buzoguma bwubatswe mbere gushika igihe kitagira urugero+;Nayo amajuru, uguma ushimangiye ubwizigirwa bwawe muri yo+.”   “Nagize isezerano ku bijanye n’uwo natoye+;Narahiye Dawidi umusavyi wanje+ nti:   ‘Nzoshimangira uruvyaro rwawe mbere gushika igihe kitagira urugero+,Kandi nzokwubaka intebe yawe y’ubwami+ iyaruka ku rindi.’” Sela.   Amajuru azohaya igikorwa cawe gitangaje, ewe Yehova+,Egome, ubwizigirwa bwawe mw’ishengero ry’aberanda.   Kuko, ni nde mu majuru yogereranywa na Yehova+?Ni nde yosa na Yehova mu bana b’Imana+?   Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+.   Ewe Yehova Mana nyen’ingabo+,Ni nde yuzuye ingoga nkawe ga Ya*+?Ubwizigirwa bwawe bukwiye irya n’ino yawe+.   Uganza ukwisevya kw’ikiyaga+;Iyo kidugije imipfunda yaco, ni wewe uyitururuza+. 10  Ni wewe wajanjaguye Rahabu+, mbere nk’uwishwe+.Biciye ku kuboko kw’inkomezi zawe, washwiragije abansi bawe+. 11  Ijuru ni rwawe+, n’isi nyene ni rwawe+;Ubutaka bwimbuka n’ibibwuzuye+, ni wewe wabishinze+. 12  Uburaruko n’ubumanuko, ni wewe wabiremye+;Tabori+ na Herumoni+, mw’izina ryawe biriha akamo k’umunezero+. 13  Ukuboko kw’ubushobozi ni rwawe+;Ukuboko kwawe kurakomeye+,Ukuryo kwawe gushizwe hejuru+. 14  Ubugororotsi be n’ubutungane ni vyo kibanza gishimangiye c’intebe yawe y’ubwami+;Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri biraza imbere yawe+. 15  Hahiriwe abantu bazi akaruru k’umunezero ico ari co+.Ewe Yehova, mu muco wo mu maso hawe ni ho baguma bagendera+. 16  Mw’izina ryawe baranezerwa bukarinda bwira+,Kandi mu bugororotsi bwawe barashirwa hejuru+. 17  Kuko ari wewe bwiza bw’inkomezi zabo+;Kandi kubera ubutoni bwawe, ihembe ryacu rirashirwa hejuru+. 18  Kuko inkinzo yacu ari iya Yehova+,N’umwami wacu akaba ari uwa wa Mweranda wa Isirayeli+. 19  Ico gihe wavuganye n’intahemuka zawe mw’iyerekwa+,Uti:“Natabaye umunyenkomezi+;Nashize hejuru umuntu yatowe mu bantu+. 20  Nabonye Dawidi umusavyi wanje+;Namurobanuje amavuta yanje meranda+, 21  Uwo ukuboko kwanje kuzoshikama kumwe na we+,Uwo kandi ukuboko kwanje kuzokomeza+. 22  Nta mwansi azomuhohotera+,Eka nta mwana w’ukutagororoka azomuteza amarushwa+. 23  Najanjaguye abarwanizi biwe ndabakura imbere yiwe+;Nagumye nkubitagura abamwanka urunuka+. 24  Ubwizigirwa bwanje n’ubuntu bwuzuye urukundo bwanje biri kumwe na we+,Kandi mw’izina ryanje ihembe ryiwe rirashirwa hejuru+. 25  Nashize ukuboko kwiwe ku kiyaga+,Ukuryo kwiwe na kwo ku nzuzi+. 26  We ubwiwe arasemerera antabaza, ati: ‘Uri Data+,Imana yanje+ n’Igitandara c’ubukiriro bwanje+.’ 27  Vyongeye, jewe nzomugira imfura+,Uwusumba abami bo mw’isi+. 28  Nzozigama ubuntu bwuzuye urukundo bwanje kuri we gushika igihe kitagira urugero+,Kandi isezerano ryanje rizoba iryizigirwa kuri we+. 29  Kandi ata gukeka nzoshinga uruvyaro rwiwe ibihe bidahera+,Intebe yiwe y’ubwami na yo ndayishinge nk’imisi y’ijuru+. 30  Abana biwe nibaheba itegeko ryanje+,Ntibagendere mu ngingo zanje z’ubutungane+, 31  Nibahumanya ivyagezwe vyanje,Ntibagumye amabwirizwa yanje, 32  Nanje nzotegerezwa kwitaho ikigabitanyo cabo nkoresheje inkoni+,Niteho ikosa ryabo mu kubakubita+. 33  Mugabo ubuntu bwuzuye urukundo bwanje sinzobumukurako+,Canke ngo mpemuke ku bwizigirwa bwanje+. 34  Sinzohumanya isezerano ryanje+,Kandi ijambo riva mu minwa yanje sinzorihindura+. 35  Nararahiye rimwe mu bweranda bwanje+,Sinzobesha Dawidi+. 36  Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho mbere gushika igihe kitagira urugero+,Intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba imbere yanje+. 37  Nka kurya kw’ukwezi, izoshimangirwa igihe kitagira urugero,Mbere nk’icabona cizigirwa mu birere.” Sela. 38  Mugabo wewe, warashibuye kandi uguma ukengera+;Wararakiye uwo warobanuje amavuta+. 39  Wiyamye isezerano ry’umusavyi wawe;Wahumanije umugāra wiwe gushika hasi+. 40  Wasenyuye ingo z’ibitungwa ziwe zose zubakishijwe amabuye+;Ibihome vyiwe wabigize ibisenyagurike+. 41  Abahita ku nzira bose baramusahuye+;Yacitse iceyi ku babanyi biwe+. 42  Washize hejuru ukuryo kw’abarwanizi biwe+;Watumye abansi biwe bose banezerwa+. 43  Mbere, inkota yiwe urasubira ukayifata nk’umwansi+,Kandi watumye atagenda aratsinda mu rugamba+. 44  Watumye ataba agica ibibatsi+,Intebe yiwe y’ubwami na yo uyiraririza hasi+. 45  Imisi y’ubuto bwiwe wayigize migufi;Wamutwikiriye ibimaramare+. Sela. 46  Uzogeza ryari ga Yehova kuguma wihishije? Igihe cose+?Mbega ubushangashirwe bwawe buzoguma bururumba nk’umuriro+? 47  Ibuka ikiringo ubuzima bwanje bumara uko kireha+.Mbega waremeye ubusa gusa abana b’abantu bose+? 48  Ni nde muntu w’umugabo muzima atazobona urupfu+?Mbega yokiza ubuzima bwiwe ukuboko kw’ukuzimu+? Sela. 49  Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyawe vya kera biri hehe ga Yehova,Ivyo warahiye Dawidi mu bwizigirwa bwawe+? 50  Ewe Yehova, ibuka iceyi kiri ku basavyi bawe+,Ingene ntwara mu gikiriza iceyi c’ibisata vy’abantu vyinshi vyose+, 51  Ingene abansi bawe basize iceyi, ewe Yehova+,Ingene basize iceyi amakanda y’uwo warobanuje amavuta+. 52  Yehova nahezagirwe gushika igihe kitagira urugero. Amen kandi Amen+.

Utujambo tw'epfo

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”