Zaburi 88:1-18
Ururirimbo, agahibongozo ka bene Kora. Ku muyobozi, kuri Mahalati ku bwo kwitabira. Masikili ya Hemani+ Umwezerahi.
88 Ewe Yehova, Mana y’ubukiriro bwanje+,Ku murango narasemereye+,No mw’ijoro, imbere yawe+.
2 Isengesho ryanje rizoza imbere yawe+.Tega ugutwi akamo kanje k’ukwinginga+.
3 Kuko umutima wanje urambiwe n’ivyago+,Ubuzima bwanje bukaba bushitse ku munwa w’ukuzimu+.
4 Naharūwe mu bamanuka mu cobo+;Nacitse nk’umuntu w’umugabo atagira inkomezi+,
5 Yagizwe uwidegemvya mu bapfuye+,Nk’abishwe baryamye mu mva+,Abo utongeye kwibukaKandi batandukanijwe n’ukuboko kwawe gutabazi+.
6 Wanshize mu cobo c’ibwina kure rwose,Mu bibanza vy’umwiza, mu nyenga nini+.
7 Ubushangashirwe bwawe bwitaye kuri jewe+,Kandi wanteje amarushwa ukoresheje imipfunda isuriranya yawe yose+. Sela.
8 Washize abo tuzinanyi kure yanje+;Wangize ikintu giteye ishishi cane kuri bo+.Ndaboshwe, sinshobora gusohoka+.
9 Ijisho ryanje ryarotse kubera amarushwa yanje+.Narakwambaje, ewe Yehova, burinda bwira+;Ni wewe nagaranzuriye ibiganza vyanje+.
10 Mbega uzokorera igitangaza abapfuye+?Canke, mbega barya ata co bashoboye mu rupfu bazohaguruka+?Mbega bazoguhaya+? Sela.
11 Mbega ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buzomenyekanishwa mu mva,Ubwizigirwa bwawe bumenyekanishwe mu kibanza c’agatikizo+?
12 Mbega igitangaza wakoze kizomenyekana mu mwiza+,Canke ubugororotsi bwawe mu gihugu c’urwiba+?
13 Ariko wewe, ewe Yehova, ni wewe natabaje+,Kandi mu gitondo isengesho ryanje riguma imbere yawe+.
14 Kubera iki ga Yehova ushibura ubuzima bwanje+?Kubera iki uguma umpisha amaso yawe+?
15 Ndi umurushwa, kandi ndi mu gucikana, kuva mu bwana+;Nihanganiye cane ibintu vy’agacavutu biva iwawe+.
16 Imishwarara yawe y’ishavu rirurumba yaciye hejuru yanje+;Ibica ivutu biva iwawe vyanumije+.
17 Vyankikuje nk’amazi burinda bwira+;Vyanzinguje vyose icarimwe.
18 Washize kure yanje umukunzi n’umugenzi+;Abo tuzinanyi ni ahantu h’umwiza+.