Zaburi 86:1-17
Isengesho rya Dawidi.
86 Tega ugutwi, Yehova we! Nyishura+,Kuko ndi umurushwa n’umworo+.
2 Yoo! nurinde ubuzima bwanje, kuko ndi intahemuka+.Kiza umusavyi wawe akwizigiye; uri Imana yanje+.
3 Ngirira ubutoni, ewe Yehova+,Kuko ari wewe nguma mpamagara bukarinda bwira+.
4 Nunezereze umutima w’umusavyi wawe+,Kuko nkirurutsa umutima wanje kuri wewe, ewe Yehova+.
5 Kuko wewe, ewe Yehova, uri mwiza+ kandi witeguriye kubabarira+!Kandi ubuntu bwuzuye urukundo ugirira abakwambaza bose ni ikirenga+.
6 Tega ugutwi isengesho ryanje, Yehova we+!Niwumvirize ijwi ry’ukwinginga kwanje+.
7 Ku musi w’amarushwa yanje ni wewe nzokwambaza+,Kuko uzonyishura+.
8 Mu mana nta n’imwe iriho imeze nkawe, ewe Yehova+,Eka nta n’ibikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+.
9 Amahanga yose waremye azoza+,Kandi azokwunama imbere yawe, ewe Yehova+,Aninahaze izina ryawe+.
10 Kuko uhambaye kandi ukora ivy’akajoreza+;Uri Imana, wewe wenyene+.
11 Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova+!Nzogendera mu kuri kwawe+.Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe+.
12 Ndaguhaya, ewe Yehova Mana yanje, n’umutima wanje wose+,Kandi nzoninahaza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero,
13 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi kuri jewe+,Kandi warokoye ubuzima bwanje ubukura mu kuzimu, mu kibanza caho c’epfo rwose+.
14 Ewe Mana, abita imbere bampagurukiye+;Ikoraniro ry’abatwaza umukazo ryarondeye ubuzima bwanje+,Kandi ntibagushize imbere yabo+.
15 Mugabo wewe, ewe Yehova, uri Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe+,Iteba gushavura+, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri+.
16 Hindukirira kuri jewe, ungirire ubutoni+.Nuhe inkomezi zawe umusavyi wawe+,Ukize umwana w’umushumbakazi wawe+.
17 Nkorera ikimenyetso cerekana ukumera neza kwawe,Kugira ngo abanyanka babibone, bamaramare+.Kuko wewe ubwawe, ewe Yehova, wantabaye, ukampoza+.