Zaburi 85:1-13
Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo.
85 Wahimbawe n’igihugu cawe, ewe Yehova+!Wagarukanye abajanywe ari imbohe ba Yakobo+.
2 Wahariye ikosa ry’abantu bawe+;Wapfutse igicumuro cabo cose+. Sela.
3 Wacungereye uburake bwawe bwose+;Warahindukiye ureka ishavu ryawe rirurumba+.
4 Tugarukane, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,Ureke umwikomo udufitiye+.
5 Mbega uzotururumbira ishavu gushika igihe kitagira urugero+?Mbega uzorehūra ishavu ryawe iyaruka ku rindi+?
6 Mbega wewe ubwawe ntuzokwongera kutugira bazima+,Kugira ngo abantu bawe banezerwe muri wewe+?
7 Ewe Yehova, twereke ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Uduhe ubukiriro bwawe+.
8 Nzokwumva ico Imana y’ukuri Yehova izovuga+,Kuko izoyaga amahoro ku bantu bayo+ no ku ntahemuka zayo,Mugabo ntibasubire kwiyizigira+.
9 Ni ukuri, ubukiriro bwayo buri hafi y’abayitinya+,Kugira ngo ubuninahazwa bube mu gihugu cacu+.
10 Nayo ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, vyarahuye+;Ubugororotsi n’amahoro, vyarasomanye+.
11 Ukuri kuzonaga kuvuye mw’isi+,Kandi ubugororotsi buzoraba hasi buri mu majuru+.
12 Vyongeye, Yehova na we azotanga iciza+,Kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+.
13 Imbere yiwe ubugororotsi buzotambuka+,Bucishe inzira intambuko ziwe+.