Zaburi 85:1-13

Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo. 85  Wahimbawe n’igihugu cawe, ewe Yehova+!Wagarukanye abajanywe ari imbohe ba Yakobo+.   Wahariye ikosa ry’abantu bawe+;Wapfutse igicumuro cabo cose+. Sela.   Wacungereye uburake bwawe bwose+;Warahindukiye ureka ishavu ryawe rirurumba+.   Tugarukane, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,Ureke umwikomo udufitiye+.   Mbega uzotururumbira ishavu gushika igihe kitagira urugero+?Mbega uzorehūra ishavu ryawe iyaruka ku rindi+?   Mbega wewe ubwawe ntuzokwongera kutugira bazima+,Kugira ngo abantu bawe banezerwe muri wewe+?   Ewe Yehova, twereke ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Uduhe ubukiriro bwawe+.   Nzokwumva ico Imana y’ukuri Yehova izovuga+,Kuko izoyaga amahoro ku bantu bayo+ no ku ntahemuka zayo,Mugabo ntibasubire kwiyizigira+.   Ni ukuri, ubukiriro bwayo buri hafi y’abayitinya+,Kugira ngo ubuninahazwa bube mu gihugu cacu+. 10  Nayo ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, vyarahuye+;Ubugororotsi n’amahoro, vyarasomanye+. 11  Ukuri kuzonaga kuvuye mw’isi+,Kandi ubugororotsi buzoraba hasi buri mu majuru+. 12  Vyongeye, Yehova na we azotanga iciza+,Kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+. 13  Imbere yiwe ubugororotsi buzotambuka+,Bucishe inzira intambuko ziwe+.

Utujambo tw'epfo