Zaburi 84:1-12

Ku muyobozi, kuri Gititi+. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo. 84  Ese ukuntu itaberenakulo yawe ihambaye ari agahore+,Ewe Yehova nyen’ingabo+!   Ndashashaye ibigo vya Yehova kandi ngwabijwe n’ukuvyipfuza+.Umutima wanje n’umubiri wanje biriha akamo k’umunezero bikerekeza ku Mana nzima+.   Mbere n’inyoni ubwayo yararonse inzu,N’intamba irironkera icari,Aho yashize utwana twayo—Igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova nyen’ingabo, Mwami wanje n’Imana yanje!   Hahiriwe abibera mu nzu yawe+!Baguma bagushemeza nantaryo+. Sela.   Hahiriwe abantu inkomezi zabo ziri muri wewe+,Mu mutima wabo hakaba inzira z’ikirari+.   Baca mu kiyaya co hasi c’ibisaka vy’imibaka+,Bakahahindura imbizi;Mbere umwigisha+ yisakara imihezagiro.   Bazoguma bagenda biyubura mu nkomezi+;Umwe wese araseruka imbere y’Imana i Siyoni+.   Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, niwumve isengesho ryanje+;Nutege ugutwi, ewe Mana ya Yakobo+! Sela.   Ewe nkinzo yacu, nubone, ewe Mana+,Witegereze mu maso h’uwo warobanuje amavuta+. 10  Kuko umusi umwe mu bigo vyawe uruta imisi igihumbi ahandi+.Nahisemwo guhagarara ku rwinjiriro mu nzu y’Imana yanje+Aho kugendagenda mu mahema y’ububisha+. 11  Kuko Yehova Imana ari izuba+ n’inkinzo+;Ubutoni n’ubuninahazwa ni vyo atanga+.Yehova nta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu+. 12  Ewe Yehova nyen’ingabo, hahiriwe umuntu akwizigira+.

Utujambo tw'epfo