Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 83:1-18

Ururirimbo. Agahibongozo ka Asafu+. 83  Ewe Mana, ntucereze+; Ntugume winumiye, ntugume utekereje, ewe Nyenubumana+!   Kuko, ehe abansi bawe bari mu ntureka+; Abakwanka urunuka badugije umutwe+.   Bashishikara ku rwenge ikiyago cabo c’akabanga ngo bagirire nabi abantu bawe+; Kandi bagīra umugambi abantu bahishijwe bawe+.   Bavuze ngo: “Ingo tubazimanganye bareke kuba ihanga+, Kugira ngo izina rya Isirayeli ntiryongere kwibukwa+.”   Kuko bagiye inama mu mutima bagize urunani+; Mbere bapfunditse isezerano ngo bakurwanye+,   Amahema ya Edomu+ n’Abishimayeli, Mowabu+ n’Abahaguri+,   Gebali na Amoni+ na Amaleki, Filisitiya+ hamwe n’ababa i Tiro+.   Na Ashuri nyene yabiyunzeko+; Babereye ukuboko bene Loti+. Sela.   Nubagirire nk’uko wagiriye Midiyani+, nk’uko wagiriye Sisera+, Nk’uko wagiriye Yabini+ ku mwonga Kishoni+. 10  Barazimanganijwe i Eni-dori+; Bacitse intabire y’ubutaka+. 11  Nayo abanyacubahiro babo, nubagire nka Orebu na Zeyebu+, Abatware babo bo hasi bose na bo ubagire nka Zeba na Zalumuna+, 12  Abavuze ngo: “Twigarurire ahantu Imana iba+.” 13  Ewe Mana yanje, nubagire nk’agashururu k’ibitovu+, Nk’ibishakara imbere y’umuyaga+. 14  Nk’umuriro uturira ikibira+, Nk’urubeya rutongora imisozi+, 15  Ukwo abe ari ko ubakurikirana n’igihuhusi cawe+, Ubahagarike umutima n’umuyaga wawe w’ikirura+. 16  Uzuza mu maso habo agateterwe+, Kugira abantu barondere izina ryawe, ewe Yehova+! 17  Ese bomaramara, bagahagarika umutima ibihe vyose+, Bakarya ivyatsi, bakayogera+, 18  Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+, Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.

Amakuru yiyongereye