Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 82:1-8

Agahibongozo ka Asafu. 82  Imana ihagaze mw’ikoraniro+ rya Nyenubumana+; Icira imanza hagati y’imana+ iti:   “Muzogeza ryari kuguma muca imanza mu karenganyo+ No kugira nkunzi ku babisha+? Sela.   Nimubere abacamanza umuntu mutoyi n’impfuvyi*+. Nimutunganirize umurushwa na ntahonikora+.   Nimukize umuntu mutoyi be n’umworo+; Nimubarokore mu kuboko kw’ababisha+.”   Nta co bamenye, kandi ntibatahura+; Baguma bagendagenda mu mwiza+; Imishinge yose y’isi iranyiganyizwa+.   “Jewe naravuze nti: ‘Muri imana+, Kandi mwese muri abana ba Musumbavyose+.   Ni ukuri muzopfa nk’uko abantu bapfa+; Kandi nk’uko umuganwa wese agwa ni ko muzogwa+!’”   Haguruka, Mana we, ucire imanza isi+; Kuko ari wewe ukwiye kwigabira amahanga yose+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”