Zaburi 81:1-16

Ku muyobozi, kuri Gititi+. Ni izaburi ya Asafu. 81  Nimwihe akamo k’umunezero, mukerekeza ku Mana yo nkomezi zacu+;Nimwihe akaruru k’intsinzi, mukerekeza ku Mana ya Yakobo+.   Nimwahuke agahibongozo+, mufate akagoma+,Inanga ihimbaye kumwe n’igicurarangisho c’imirya+.   Ku mboneko y’ukwezi, muvuze inzamba+;Ku kwezi kw’igisyo, ku bw’umusi w’umusi mukuru wacu+.   Kuko ari ingingo nyobozi kuri Isirayeli+,Ingingo y’ubutungane y’Imana ya Yakobo.   Yayishingiye Yozefu bwa cibutsa+,Igihe yaca hejuru y’igihugu ca Misiri+.Naguma numva ururimi ntari nzi+.   “Nigijeyo urutugu rwiwe ndarukiza umuzigo+;Amaboko yiwe yakuwe ku gisimbo+.   Mu marushwa warahamagaye, nanje ndagutabara+;Natanguye kukwishurira ahantu hihishije h’umuturagaro+.Naragusuzumye kuri ya mazi y’i Meriba+. Sela.   Nimwumve, emwe bantu banje, nanje nshinge intahe ibagiriza+,Ewe Isirayeli, nimba unyumviriza+.   Muri wewe ntihazoba imana y’ahandi+;Kandi ntuzokwunamira imana y’inyamahanga+. 10  Jewe Yehova ndi Imana yawe+,Umwe yakudugana agukuye mu gihugu ca Misiri+.Taburura akanwa, nanje ndakuzuze+. 11  Mugabo abantu banje ntibumvirije ijwi ryanje+;Kandi Isirayeli ntiyanyeretse na gato umutima ukunze+. 12  Nuko ndabareka bagendera mu kagagazo k’umutima wabo+;Bagendeye mu nama zabo bwite+. 13  Yoo! ese iyo abantu banje banyumviriza+!Yoo! ese iyo Isirayeli igendera mu nzira zanje+! 14  Abansi babo nobamaze igabo bitagoranye+,Abarwanizi babo na bo nkabahindukirizako ukuboko kwanje+. 15  Nayo abanka Yehova urunuka, bazoza kuri we bahinda agashitsi+,Kandi igihe cabo kizoba ico gushika igihe kitagira urugero. 16  Azoguma amugaburira ku kinure c’ingano+,Kandi nzoguhaza ubuki buvuye mu gitandara+.”

Utujambo tw'epfo