Zaburi 80:1-19

Ku muyobozi, ku Malisi+. Icibutsa. Ni izaburi ya Asafu+. Agahibongozo. 80  Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!   Imbere ya Efurayimu na Benyamini na Manase, nuvyure ubushobozi bwawe+,Uze, udukize+.   Ewe Mana, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.   Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, uzogeza ryari gufumba ushavurira isengesho ry’abantu bawe+?   Wabagaburiye umukate w’amosozi+,Kandi uguma ubanywesha amosozi ku bwinshi+.   Wadushiriyeho kuba abo gushihanirwako n’ababanyi bacu+,Abansi bacu na bo bakaguma bitwengera uko bashaka+.   Ewe Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.   Watumye umuzabibu ufata inzira uva mu Misiri+.Wagumye wirukana amahanga, kugira ngo uwutere+.   Wateguye ikibanza imbere yawo+, kugira ngo ushore imizi, wuzure igihugu+. 10  Imisozi yarapfutswe n’igitutu cawo,Amasederi y’Imana na yo apfukwa n’amashami yawo+. 11  Uno uratinda urungika amashami yawo gushika ku kiyaga+,Iminago yawo na yo uyishikana kuri rwa Ruzi+. 12  Kubera iki wasenyuye uruhome rwawo rw’amabuye+,Kandi kubera iki abahita ku nzira bose bawusoromye+? 13  Ingurube yo mw’ishamba iguma iwurya+,Amasinzi y’ibikoko vyo mu gahinga na yo akaguma awurisha+. 14  Ewe Mana nyen’ingabo, enda garuka+;Raba hasi uri mw’ijuru, ubone, witwararike uyu muzabibu+, 15  Be n’umuvyaro ukuryo kwawe kwateye+,Urabe umwana wikomereje+. 16  Uraturiwe n’umuriro, uriciwe+.Bayogezwa n’uguhambara kwo mu maso hawe+. 17  Ukuboko kwawe nikube ku muntu ari iburyo bwawe+,Ku mwana w’abantu wikomereje+, 18  Kandi ntituzosubira inyuma ngo tukuveko+.Nutuzigamire ubuzima, kugira ngo twambaze izina ryawe+. 19  Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.

Utujambo tw'epfo