Zaburi 80:1-19
Ku muyobozi, ku Malisi+. Icibutsa. Ni izaburi ya Asafu+. Agahibongozo.
80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!
2 Imbere ya Efurayimu na Benyamini na Manase, nuvyure ubushobozi bwawe+,Uze, udukize+.
3 Ewe Mana, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.
4 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, uzogeza ryari gufumba ushavurira isengesho ry’abantu bawe+?
5 Wabagaburiye umukate w’amosozi+,Kandi uguma ubanywesha amosozi ku bwinshi+.
6 Wadushiriyeho kuba abo gushihanirwako n’ababanyi bacu+,Abansi bacu na bo bakaguma bitwengera uko bashaka+.
7 Ewe Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.
8 Watumye umuzabibu ufata inzira uva mu Misiri+.Wagumye wirukana amahanga, kugira ngo uwutere+.
9 Wateguye ikibanza imbere yawo+, kugira ngo ushore imizi, wuzure igihugu+.
10 Imisozi yarapfutswe n’igitutu cawo,Amasederi y’Imana na yo apfukwa n’amashami yawo+.
11 Uno uratinda urungika amashami yawo gushika ku kiyaga+,Iminago yawo na yo uyishikana kuri rwa Ruzi+.
12 Kubera iki wasenyuye uruhome rwawo rw’amabuye+,Kandi kubera iki abahita ku nzira bose bawusoromye+?
13 Ingurube yo mw’ishamba iguma iwurya+,Amasinzi y’ibikoko vyo mu gahinga na yo akaguma awurisha+.
14 Ewe Mana nyen’ingabo, enda garuka+;Raba hasi uri mw’ijuru, ubone, witwararike uyu muzabibu+,
15 Be n’umuvyaro ukuryo kwawe kwateye+,Urabe umwana wikomereje+.
16 Uraturiwe n’umuriro, uriciwe+.Bayogezwa n’uguhambara kwo mu maso hawe+.
17 Ukuboko kwawe nikube ku muntu ari iburyo bwawe+,Ku mwana w’abantu wikomereje+,
18 Kandi ntituzosubira inyuma ngo tukuveko+.Nutuzigamire ubuzima, kugira ngo twambaze izina ryawe+.
19 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.