Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 8:1-9

Ku muyobozi, kuri Gititi+. Agahibongozo ka Dawidi. 8  Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+,Wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru+!   Bivuye mu kanwa k’abana n’abonka washimangiye inkomezi+,Kubera abakwanka+,Kugira ngo bitume umwansi n’uwihora bateshwa bagata+.   Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe+,Ukwezi n’inyenyeri wateguye+,   Umuntu buntu*+ ni iki ku buryo umwibuka+,N’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho+?   Vyongeye wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana+,Uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa+ n’ubwiza bwakaka+.   Umuha kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe+;Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe+:   Ibitungwa bitobito n’impfizi, vyose hamwe+,Be n’ibikoko vyo mu gahinga+,   Inyoni zo mu kirere n’ifi zo mu kiyaga+,Ikintu cose gica mu minyuro yo mu biyaga+.   Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+!

Amakuru yiyongereye

Canke, “umuntu apfa.”