Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 79:1-13

Agahibongozo ka Asafu. 79  Ewe Mana, amahanga yinjiye mu ntoranwa yawe+; Yahumanije urusengero rwawe rweranda+; Yagize Yeruzalemu ikirundo c’ibihomvagurike+.   Yatanze umuvyimba w’abasavyi bawe ngo ube indya z’ibiguruka vyo mu kirere+, Inyama z’intahemuka zawe aziha ibikoko vyo kw’isi+.   Yasheshe amaraso yabo nk’amazi Irya n’ino ya Yeruzalemu, kandi nta wo kubahamba ariho+.   Twacitse iceyi ku babanyi bacu+, Agatwengo n’akamenyo ku badukikuje+.   Uzogeza ryari ga Yehova kururumba ishavu? Ibihe bidahera+? Ishaka ryawe rizogeza ryari kwaka nk’umuriro+?   Suka ubushangashirwe bwawe ku mahanga atakumenye+, No ku bwami butambaje izina ryawe+.   Kuko bamirāje Yakobo+, Bagatuma ahantu aba hacika umusaka+.   Ntiwibuke amakosa ya ba sogokuruza bacu ngo uyaduhore+. Nyaruka! Imbabazi zawe nizidusanganire+, Kuko dusigaye twifumbereje bimwe bibi+.   Dutabare, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+, Ku bw’ubuninahazwa bw’izina ryawe+; Turokore, upfuke ibicumuro vyacu kubera izina ryawe+. 10  Kuki amahanga yovuga ngo: “Imana yabo iri hehe+?” Uguhōra amaraso y’abasavyi bawe yasheshwe+ Nikumenyekane mu mahanga mu maso yacu+. 11  Ukuniha kw’imbohe nigushike n’imbere yawe+! Nk’uko ubukuru bw’ukuboko kwawe buri, nuzigame abagenewe urupfu+. 12  Niwishure ababanyi bacu incuro indwi mu gikiriza cabo+ Iceyi bagusize, ewe Yehova+! 13  Nayo twebwe abantu bawe n’umukuku wo mu buragiriro bwawe+, Tuzogukengurukira gushika igihe kitagira urugero; Kuva kw’iyaruka uja ku rindi, tuzomenyesha ishemezo ryawe+.

Amakuru yiyongereye