Zaburi 78:1-72
Masikili. Ni izaburi ya Asafu+.
78 Nimwumvirize itegeko ryanje, emwe bantu banje+!Nimutege ugutwi amajambo y’akanwa kanje+.
2 Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu mvugo y’akagani+;Ngira ntume udupfindo twa kera tududubiza+,
3 Utwo twumvise kandi tuzi+,Utwo kandi ba data batwiganiye+;
4 Utwo tutanyegeza abana babo+,Tukatwiganira n’iyaruka rizoza+,Tukavuga amashemezo ya Yehova n’inkomezi ziwe+Be n’ibintu vyiwe vy’agatangaza yakoze+.
5 Ahagurutsa icibutsa muri Yakobo+,Ashinga itegeko muri Isirayeli+,Ibintu yategetse ba sogokuruza bacu+,Ngo bimenyeshwe abana babo+;
6 Kugira ngo iyaruka ryoje, ari bo bana bari kuvuka, ribimenye+,Bahaguruke, bavyiganire abana babo+,
7 Kandi bashire umwizero wabo mu Mana ubwayo+,Ntibibagire ibikorwa Imana yakoze+, ahubwo bubahirize amabwirizwa yayo+.
8 Kandi ntibari bakwiye gucika nka ba sekuruza babo+,Iyaruka ry’akagagazo kandi ry’irigarariji+,Iyaruka ry’abatari barateguye umutima wabo+,Kandi umutima wabo ntube umwizigirwa ku Mana+.
9 Bene Efurayimu, naho bari abarasisha umuheto bafise ibirwanisho+,Barasubije umugongo inyuma ku musi w’indwano+.
10 Ntibagumije isezerano ry’Imana+,Banse kugendera mw’itegeko ryayo+.
11 Batanguye kandi kwibagira ivyo ikora+Be n’ibikorwa vyayo vy’agatangaza yaberetse+.
12 Mu maso ya ba sekuruza babo, yari yakoze ibitangaje+Mu gihugu ca Misiri+, ka karere ka Zowani+.
13 Yasatuye ikiyaga ngo itume barengana+,Yongera ituma amazi ahagarara nk’urugomero+.
14 Ibandanya kubayobora ikoresheje igicu ku murango+,Ijoro ryose na ho ikoresheje umuco w’umuriro+.
15 Isatura ibitandara mu gahinga+,Kugira ngo itume banywa amazi menshi nk’inyenga z’amazi+.
16 Ikūra imigezi mu rutare+,Ituma amazi amanuka nk’inzuzi+.
17 Mugabo baguma barushiriza kuyicumurako+Mu kugarariza Musumbavyose mu karere kagadutse+;
18 Bageza Imana mu mutima wabo+Mu kwisabira ico kurya+.
19 Nuko batangura kuvuga nabi Imana+.Ngo “Mbega Imana irashobora gutunganya imeza mu gahinga+?”
20 Ehe! Yakubise igitandara+Ngo amazi atembe, n’inzuzi z’isumo zisegenyuke+.“Mbega irashobora no gutanga umukate+,Canke irashobora gutegurira abantu bayo ivyo kurya+?”
21 Ni co catumye Yehova yumva, agatangura kuraka+;Umuriro wakirizwa Yakobo+,N’ishavu ridugira Isirayeli+.
22 Kuko batizeye Imana+,Ntibizigira ubukiriro itanga+.
23 Maze itegeka ibirere vyuzuye ibicu hejuru,Yugurura imiryango y’ijuru+.
24 Iguma igwisha kuri bo manu* ngo barye+,Ibaha intete zo mw’ijuru+.
25 Abantu barya umukate w’abanyabubasha+;Ibarungikira ibifungurwa, barahaga+.
26 Itangura gutuma umuyaga wo mu buseruko waduka mu majuru+,No gutuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta biciye ku nkomezi zayo+.
27 Iraheza ituma ivyo kurya bigwa kuri bo nk’umukungugu+,Egome, ibiremwa biguruka vy’amababa bigwa kuri bo nk’udutete tw’umusenyi tw’ibiyaga+.
28 Iguma ibigwisha hagati mw’ikambi ryayo+,Irya n’ino y’amataberenakulo yayo+.
29 Baraheza bararya barahaga cane+,Ivyo bipfuza irabibazanira+.
30 Batarava ku cipfuzo cabo,Ibifungurwa vyabo bikiri mu kanwa kabo+,
31 Uburake bw’Imana burabadugira+.Nuko yica bamwe mu bantu babo b’indyamunyu+;Itsinda hasi abasore ba Isirayeli.
32 Naho habaye ivyo vyose, bongera gucumura+Ntibizera ibikorwa vyayo vy’agatangaza+.
33 Nuko irangiza imisi yabo nk’aho ari impemu nsa zisohotse+,Imarisha imyaka yabo uruhagarara.
34 Igihe cose yabica, ni ko na bo babaza ivyayo+,Bakagaruka, bakarondera Imana+.
35 Batangura kwibuka yuko Imana yari yo Gitandara cabo+,Be n’uko Imana Musumbavyose yari yo Muhōzi wabo+.
36 Bagerageza kuyihenda n’akanwa kabo+;Bagerageza kuyibesha n’ururimi rwabo+.
37 Umutima wabo ntiwari uhamye kuri yo+;Kandi ntibabaye abizigirwa mw’isezerano ryayo+.
38 Mugabo yari inyembabazi+; yarapfuka ikosa+, ntihonye+.Kenshi yarasubiza inyuma ishavu ryayo+,Kandi ntiyavyura ubushangashirwe bwayo bwose.
39 Yaguma yibuka ko bari umubiri+,Yuko impwemu isohoka ntigaruke+.
40 Ese ukuntu bayigarariza kenshi mu gahinga+,Bakayibabariza mu bugaragwa+!
41 Kandi incuro n’izindi barageza Imana+,Bagatuntuza Umweranda wa Isirayeli+.
42 Ntibibuka ukuboko kwayo+,Wa musi yabacungura ikabakiza umurwanizi+,
43 Ingene yashize ibimenyetso vyayo mu Misiri+N’ibitangaro vyayo mu karere ka Zowani+;
44 N’ingene yatanguye guhindura amaraso imigende yabo ya Nili+,Ku buryo badashobora kunywa ku migezi yabo+.
45 Ibarungikako ibibugu, ngo bibarigate+,N’ibikere, ngo bibahonye+.
46 Itangura guha inyenzi umwimbu wabo,Ubucumukure bwabo ibuha inzige+.
47 Yicisha umuzabibu wabo urubura+,Ibiti vyabo vy’imisukomora ivyicisha iminana y’urubura+.
48 Ibitwazi vyabo ibihereza urubura+,Ibitungwa vyabo ibihereza inyonko irurumba.
49 Ibarungikako ishavu ryayo rirurumba+,Uburake n’imisibo n’amarushwa+,Imigwi y’intumwa y’abamarayika izana ivyago+.
50 Itegurira ishavu ryayo umunyuro+.Ntiyabarinze urupfu;Ubuzima bwabo yabuhereje ikiza+.
51 Amaherezo iririka imfura zose mu Misiri+,Ubuzibūra bwabo*, mu mahema ya Hamu+.
52 Mu nyuma ituma abantu bayo bafata inzira nk’umukuku+,Ibarongōra nk’ubusho mu gahinga+.
53 Iguma ibayobora mu mutekano, ntibumva ubwoba namba+;Ikiyaga gipfuka abansi babo+.
54 Ibazana mu cibare cayo ceranda+,Aka karere k’imisozi ukuryo kwayo kwironkeje+.
55 Kandi kubera bo, igenda irirukana amahanga+,Ibagabagurira intoranwa ikoresheje ikamba yo gupimisha+,Ku buryo ituma imiryango ya Isirayeli yibera mu mihana yayo bwite+.
56 Mugabo batangura kugeza no kugarariza Imana Musumbavyose+,Ntibagumya ivyibutsa vyayo+.
57 Vyongeye, baguma basubira inyuma kandi bahemuka nka ba sekuruza babo+;Bahindukira nk’umuheto ufororotse+.
58 Baguma bayibabarisha ibibanza vyabo bikirurutse*+,Baguma bayitera ishari n’ibishusho vyabo bibajwe+.
59 Imana irumva+, iraraka+,Bituma ikengera Isirayeli bimwe bibi+.
60 Amaherezo iheba itaberenakulo y’i Shilo+,Ihema yabayemwo hagati mu bantu bakuwe mw’ivu+.
61 Itanga inkomezi zayo ngo zigirwe imbohe+,Ubwiza bwayo ibutanga mu kuboko kw’umurwanizi+.
62 Iguma itanga abantu bayo ku nkota+,Irarakira intoranwa yayo+.
63 Abasore bayo umuriro urarigata,Abigeme bayo b’isugi ntibashemagizwa+.
64 Nayo abaherezi bayo, bagwishwa n’inkota+,Abapfakazi babo na bo ntibarira+.
65 Maze Yehova yikangura nk’uwuvuye mw’itiro+,Nk’umunyenkomezi umuvinyu uvuyeko+.
66 Aririka abarwanizi biwe ari inyuma yabo+;Abaha kugira iceyi c’ikiringo kitagira urugero+.
67 Ata ihema rya Yozefu+;Ntiyatora umuryango wa Efurayimu+.
68 Mugabo atora umuryango wa Yuda+,Umusozi Siyoni, uwo yakunze+.
69 Atangura kwubaka aheranda hiwe nk’amasonga y’imisozi+,Nk’isi yashinze ngo igumeho gushika igihe kitagira urugero+.
70 Nuko atora Dawidi umusavyi wiwe+,Amukura mu ngo z’imikuku+.
71 Amukura inyuma y’imvyeyi zonsa+,Amuzana ngo abe umwungere kuri Yakobo igisata ciwe+,No kuri Isirayeli intoranwa yiwe+.
72 Atangura kubaragira nk’uko ugutungana kw’umutima wiwe kuri+,Atangura kubayobora akoresheje ubuhanga bw’amaboko yiwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwabo bwo kurondoka.”
^ Raba Inyongera ya 21.