Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 77:1-20

Ku muyobozi, kuri Yedutuni. Ni izaburi ya Asafu+. Agahibongozo. 77  Nzoririra Imana ubwayo n’ijwi ryanje+,Ndirire Imana n’ijwi ryanje, na yo ntizobura kuntega ugutwi+.   Ku musi w’amarushwa yanje narondeye Yehova ubwiwe+.Mw’ijoro ukuboko kwanje kwararamvuwe kandi ntigutimba;Umutima wanje wanse guhozwa+.   Nzokwibuka Imana, nsebagirike+;Nzogira amaganya, ngo umutima wanje udendebukirwe+. Sela.   Wafashe ibigohe vyanje uragumya+;Nahagaritse umutima, kandi sinshobora kuvuga+.   Niyumviriye imisi ya kera+,Imyaka yo mu bihe vya kera bitagira urugero.   Nzokwibuka umuziki wanje w’umurya mw’ijoro+;Nzogira amaganya n’umutima wanje+,Kandi umushaha wanje uzorondera uvyitondeye.   Mbega Yehova azoguma ashibura gushika igihe kitagira urugero+,Ntiyongere gushimishwa+?   Mbega ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe bwaraheze buhere+?Mbega ijambo ryiwe ryahindutse ubusa+ uko iyaruka rikurikira irindi?   Mbega Imana yaribagiye kugira ubutoni+,Canke yoba yarugaye imbabazi zayo kubera ishavu+? Sela. 10  Mbega ngume mvuga nti: “Iki ni co kinsogota+:Ihinduka ry’ukuryo kwa Musumbavyose+”? 11  Nzokwibuka ibikorwa vya Ya*+;Kuko nzokwibuka ivyo wagize kera bitangaje+. 12  Emwe, nzozirikana igikorwa cawe cose+,Kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika+. 13  Ewe Mana, inzira yawe iri ha hantu heranda+.Ni nde Mana ihambaye nkawe ga Mana+? 14  Ni wewe Mana y’ukuri, ukora ibitangaje+.Mu bisata vy’abantu wamenyesheje inkomezi zawe+. 15  Ukoresheje ukuboko kwawe, wagarukanye abantu bawe+,Bene Yakobo na bene Yozefu. Sela. 16  Amazi yarakubonye, ewe Mana,Amazi yarakubonye; yatanguye kugira ububabare bukaze+.Mbere, inyenga z’amazi zatanguye guhinda agashitsi+. 17  Ibicu vyarindimuye amazi mu kwotoroka nk’umuturagaro+;Ibirere vyuzuye ibicu vyarekuye ijwi.Mbere, imyampi yawe yanyuragiranye irya n’ino+. 18  Ijwi ry’umuturagaro wawe ryari rimeze nk’amakurudumu y’umukogote+;Imiravyo yabonesheje ubutaka bwimbuka+;Isi yahinze agashitsi, itangura gutigita+. 19  Inzira yawe yaca mu kiyaga+,Umunyuro wawe ugaca mu mazi menshi;Kandi amakanda yawe ntiyamenyekanye. 20  Wayoboye abantu bawe nk’umukuku+,Biciye ku kuboko kwa Musa na Aroni+.

Amakuru yiyongereye

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”