Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 76:1-12

Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Agahibongozo. Ni izaburi ya Asafu+. Ururirimbo. 76  Imana irazwi muri Yuda+;Muri Isirayeli izina ryayo rirakomeye+.   Ubwikingo bwayo buri i Salemu+,Aho iba na ho hakaba i Siyoni+.   Aho ni ho yavuniye imyampi y’umuheto yaka umuriro+,Inkinzo n’inkota be n’urugamba+. Sela.   Utwikiriwe n’umuco, ukaba uri agakomeye kuruta imisozi y’ibicakirwa+.   Abari n’umutima urinduka banyazwe+,Bahunyije batwarwa n’itiro+,Kandi mu bagabo b’intwari bose nta n’umwe yaronse inguvu zo kunana+.   Bivuye ku guhambara kwawe, ewe Mana ya Yakobo, uwutwara umukogote be n’ifarasi vyasinziriye ubutikoma+.   Wewe, urateye ubwoba+,Kandi ni nde yohagarara imbere yawe ngo arinde inkomezi z’ishavu ryawe+?   Wumvikanishije imburano uri mw’ijuru+;Isi ubwayo yaratinye, iratekereza+   Igihe Imana yahaguruka ku bw’urubanza+,Ngo ikize abatekereza bose bo kw’isi+. Sela. 10  Kuko ubushangashirwe bw’umuntu buzoguhaya+;Ubushangashirwe busigaye uzobukenyera. 11  Nimuraganire indagano Yehova Imana yanyu kandi muzishitse, mwese abamukikije+.Nibamuzanire ituro, batinya+. 12  Azocisha bugufi umutima w’indongozi+;Arateye ubwoba ku bami bo mw’isi+.

Amakuru yiyongereye