Zaburi 74:1-23
Masikili. Ni izaburi ya Asafu+.
74 Kubera iki ga Mana wadushibuye ibihe bidahera+?Kubera iki ishavu ryawe riguma rifumbukira umukuku wo mu buragiriro bwawe+?
2 Ibuka ikoraniro ryawe wironkeje kera+,Wa muryango wacungura ngo ube intoranwa yawe+,Uyu musozi Siyoni ubayemwo+.
3 Tera intambwe uje ahagizwe imisaka y’igihe kirekire+.Ibintu vyose vy’ahantu heranda umwansi yabifashe nabi+.
4 Abakwanka baroheye hagati mu kibanza cawe c’ihuriro+.Bishiriyeho ibimenyetso vyabo nka vyo bimenyetso+.
5 Umuntu azwi nabi yuko ameze nk’urya abangura amashoka ngo ateme igisaka c’inzitane c’ibiti.
6 None ubu udusaruro twaho, twose hamwe, badukubita incabiti n’ibiti bikwikiyeko icuma+.
7 Batereye mu muriro aheranda hawe+.Bahumanije itaberenakulo y’izina ryawe gushika hasi+.
8 Abo, mbere uruvyaro rwabo, bavugiye hamwe mu mutima wabo ngo:“Ibibanza vy’ihuriro vy’Imana vyose bitegerezwa guturirwa mu gihugu+.”
9 Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.
10 Ewe Mana, umurwanizi azoguma agusiga iceyi kugeza ryari+?Mbega umwansi azoguma agaya izina ryawe ibihe bidahera+?
11 Kubera iki ukuboko kwawe, mbere ukuryo kwawe, uguma ugusokoye+Ugukuye hagati mu gikiriza cawe kugira ngo utumare?
12 Yamara Imana ni yo Mwami wanje kuva kera+,Umwe ashitsa ubukiriro buhambaye hagati mw’isi+.
13 Wewe ubwawe wasebagije ikiyaga n’inkomezi zawe+;Wamenaguye imitwe y’ibikoko amahero vyo mu biyaga, mu mazi+.
14 Wewe ubwawe wajanjaguye imitwe ya Lewiyatani+.Wagihaye abantu ngo kibabere ibifungurwa, ugiha ababa mu turere tugadutse+.
15 Ni wewe wasatuye imbizi be n’uruzi rw’isumo+;Ni wewe wakamije inzuzi zama zitemba+.
16 Umurango ni uwawe; n’ijoro ni iryawe+.Ni wewe wateguye ca gitangamuco, ari ryo zuba+.
17 Ni wewe washinze imbibe zose z’isi+;Ici n’urushana, ni wewe ubwawe wabishizeho+.
18 Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+.
19 Ntuhe igikoko intunguru yawe+.Ntiwibagire ubuzima bw’abarushwa bawe ibihe bidahera+.
20 Niwitegereze rya sezerano+,Kuko ahantu h’umwiza ho kw’isi hasigaye huzuye indaro z’ubukazi+.
21 Ese uwajanjaguwe atogaruka ateterewe+.Umurushwa be n’umworo nibashemeze izina ryawe+.
22 Haguruka, Mana we, uhagarikire imburano zawe+.Ibuka iceyi usigwa n’imburabwenge bukarinda bwira+.
23 Ntiwibagire ijwi ry’abakwanka+.Urwamo rw’abagukurira hasi ruguma ruduga+.