Zaburi 74:1-23

Masikili. Ni izaburi ya Asafu+. 74  Kubera iki ga Mana wadushibuye ibihe bidahera+?Kubera iki ishavu ryawe riguma rifumbukira umukuku wo mu buragiriro bwawe+?   Ibuka ikoraniro ryawe wironkeje kera+,Wa muryango wacungura ngo ube intoranwa yawe+,Uyu musozi Siyoni ubayemwo+.   Tera intambwe uje ahagizwe imisaka y’igihe kirekire+.Ibintu vyose vy’ahantu heranda umwansi yabifashe nabi+.   Abakwanka baroheye hagati mu kibanza cawe c’ihuriro+.Bishiriyeho ibimenyetso vyabo nka vyo bimenyetso+.   Umuntu azwi nabi yuko ameze nk’urya abangura amashoka ngo ateme igisaka c’inzitane c’ibiti.   None ubu udusaruro twaho, twose hamwe, badukubita incabiti n’ibiti bikwikiyeko icuma+.   Batereye mu muriro aheranda hawe+.Bahumanije itaberenakulo y’izina ryawe gushika hasi+.   Abo, mbere uruvyaro rwabo, bavugiye hamwe mu mutima wabo ngo:“Ibibanza vy’ihuriro vy’Imana vyose bitegerezwa guturirwa mu gihugu+.”   Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara. 10  Ewe Mana, umurwanizi azoguma agusiga iceyi kugeza ryari+?Mbega umwansi azoguma agaya izina ryawe ibihe bidahera+? 11  Kubera iki ukuboko kwawe, mbere ukuryo kwawe, uguma ugusokoye+Ugukuye hagati mu gikiriza cawe kugira ngo utumare? 12  Yamara Imana ni yo Mwami wanje kuva kera+,Umwe ashitsa ubukiriro buhambaye hagati mw’isi+. 13  Wewe ubwawe wasebagije ikiyaga n’inkomezi zawe+;Wamenaguye imitwe y’ibikoko amahero vyo mu biyaga, mu mazi+. 14  Wewe ubwawe wajanjaguye imitwe ya Lewiyatani+.Wagihaye abantu ngo kibabere ibifungurwa, ugiha ababa mu turere tugadutse+. 15  Ni wewe wasatuye imbizi be n’uruzi rw’isumo+;Ni wewe wakamije inzuzi zama zitemba+. 16  Umurango ni uwawe; n’ijoro ni iryawe+.Ni wewe wateguye ca gitangamuco, ari ryo zuba+. 17  Ni wewe washinze imbibe zose z’isi+;Ici n’urushana, ni wewe ubwawe wabishizeho+. 18  Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+. 19  Ntuhe igikoko intunguru yawe+.Ntiwibagire ubuzima bw’abarushwa bawe ibihe bidahera+. 20  Niwitegereze rya sezerano+,Kuko ahantu h’umwiza ho kw’isi hasigaye huzuye indaro z’ubukazi+. 21  Ese uwajanjaguwe atogaruka ateterewe+.Umurushwa be n’umworo nibashemeze izina ryawe+. 22  Haguruka, Mana we, uhagarikire imburano zawe+.Ibuka iceyi usigwa n’imburabwenge bukarinda bwira+. 23  Ntiwibagire ijwi ry’abakwanka+.Urwamo rw’abagukurira hasi ruguma ruduga+.

Utujambo tw'epfo