Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 73:1-28

Agahibongozo ka Asafu+. 73  Imana ni nziza koko kuri Isirayeli, ku bari n’umutima utanduye+.   Nayo jewe, ibirenge vyanje hari habuze gato ngo bikevye+;Intambuko zanje zari hafi kunyerera+.   Kuko numvira agashari abirāsi+,Igihe nabona amahoro ababisha bifitiye+.   Kuko ata misonga y’urupfu bagira+;Kandi umuda wabo uradoshe+.   Mbere n’ivyago vy’umuntu buntu barabaza+,Ntibashikirwa n’amagorwa nk’abandi bantu+.   Ni co gituma ubwibone bwababereye urunigi+;Ubukazi bubatwikiriye nk’impuzu+.   Ijisho ryabo ryaraturumbutse kubera ibinure+;Barengeye ivyo umutima wokwiyumvira+.   Barishinyira, bakavuga ibibi+;Bavuga ivy’ukugunga mu mvugo ihanitse+.   Akanwa kabo bagashize mu majuru+,Ururimi rwabo na rwo rugendagenda mw’isi+. 10  Ni co gituma agarukana abantu bayo hino,Amazi y’icuzuye bakayamiminurirwa. 11  Bavuze ngo: “Imana yabimenye ite+?Kandi, mbega hari ubumenyi buri muri Musumbavyose+?” 12  Ehe! Abo ni ba babisha, bitekaniye igihe kitagira urugero+.Bongereje ibibabeshaho+. 13  Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje+,Kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana+. 14  Nashikiwe n’amagorwa burinda bwira+,Kandi ugukosorwa kwanje kuba buri gitondo+. 15  Iyo mvuga nti: “Nzokwigana inkuru nk’iyo,”Emwe, iyaruka ry’abana baweMba nararihemukiye+. 16  Kandi naguma nzirikana kugira ngo ivyo ndabimenye+;Vyabaye ibiruhije mu maso yanje, 17  Gushika ninjiye aheranda hahambaye h’Imana+.Nashaka gutahura kazoza kabo ako ari ko+. 18  Ni ukuri, ahanyerera ni ho ubashira+.Watumye bahinduka ibihomvagurike+. 19  Ewe kuntu bacitse akajoreza nko mu kanya isase+!Ese ingene bashitse kw’iherezo ryabo, bakamarwa n’ibica ivutu bukwi na bukwi! 20  Nka kurya kw’indoto inyuma y’ukwikangura, ewe Yehova+,Ni ko uzosuzugura ishusho yabo niwavyuka+. 21  Kuko umutima wanje watewe gukāta+,Mu mafyigo yanje ngasogotwa n’ububabare+, 22  Kandi nari nabaye imburabwenge, sinamenya+;Nari nacitse nk’ibikoko bukoko kuri wewe+. 23  Mugabo ndamana nawe nantaryo+;Wamfashe ukuboko kw’iburyo+. 24  Uzonyobora ukoresheje impanuro yawe+,Mu nyuma uzonjana ku buninahazwa+. 25  Ni nde mfise mu majuru+?Nta kandi gahimbare mfise kw’isi atari wewe+. 26  Umubiri wanje n’umutima wanje vyagwabiye+.Imana ni yo gitandara c’umutima wanje n’umuturi wanje gushika igihe kitagira urugero+. 27  Kuko ehe, barya nyene baguma kure yawe bazoyogera+.Ntuzobura kunumya uwo wese aguheba mu buryo bw’ubuhumbu+. 28  Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza+.Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova+,Kugira menyeshe ibikorwa vyawe vyose+.

Amakuru yiyongereye