Zaburi 72:1-20
Ku biraba Salomo.
72 Ewe Mana, nuhe umwami ingingo zawe z’ubutungane+,Uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.
2 Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi+,N’abarushwa bawe yisunze ingingo y’ubutungane+.
3 Imisozi nishīre abantu amahoro+,N’imirambi nyene, biciye ku bugororotsi.
4 Nacire urubanza abarushwa bo mu bantu+,Nakize abana b’umworo,Ajanjagure umugunzi.
5 Bazogutinya igihe cose hazoba hakiriho izuba+,N’imbere y’ukwezi, uko iyaruka rikurikira irindi+.
6 Azomanuka nk’imvura ku vyatsi bitemwe+,Nk’imicuncubuko y’imvura itotesha isi+.
7 Mu misi yiwe umugororotsi azonaga+,Kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho+.
8 Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi+,No kuva kuri rwa Ruzi+ gushika ku mpera z’isi+.
9 Imbere yiwe ababa mu turere tugadutse bazokwunama+,Kandi abansi biwe bazorigata umukungugu+.
10 Abami ba Tarushishi n’ab’amazinga+—Bazoriha ikibuguro+.Abami ba Sheba n’aba Seba—Bazoshikana ituro+.
11 Abami bose bazomukubitira inkoro hasi+;Nayo amahanga yose azomukorera+.
12 Kuko azorokora umworo atabaza+,N’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha+.
13 Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo+,Kandi ubuzima bw’aboro azobukiza+.
14 Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi,Kandi amaraso yabo azoba ay’agaciro mu maso yiwe+.
15 Niyibereho+, kandi ahabwe ku nzahabu z’i Sheba+.Nasengerwe nantaryo;Nahezagirwe burinde bwira+.
16 Hazoba umukimba w’intete kw’isi+;Kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara+.Ivyamwa vyiwe bizoba nk’i Libani+,Kandi abo mu gisagara bazoshurika nk’ibimera vyo kw’isi+.
17 Izina ryiwe niribeho gushika igihe kitagira urugero+;Imbere y’izuba izina ryiwe nirisagambe,Kandi biciye kuri we biheshe umuhezagiro+;
Amahanga yose namwite umuhirwe+.
18 Hahezagirwe Yehova Imana, ya Mana ya Isirayeli+,We wenyene akora ibikorwa vy’agatangaza+.
19 Izina ryiwe rininahaye nirihezagirwe gushika igihe kitagira urugero+,Ubuninahazwa bwiwe bwuzure isi yose+.Amen kandi Amen.
20 Amasengesho ya Dawidi, mwene Yese+, ararangiye.