Zaburi 72:1-20

Ku biraba Salomo. 72  Ewe Mana, nuhe umwami ingingo zawe z’ubutungane+,Uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.   Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi+,N’abarushwa bawe yisunze ingingo y’ubutungane+.   Imisozi nishīre abantu amahoro+,N’imirambi nyene, biciye ku bugororotsi.   Nacire urubanza abarushwa bo mu bantu+,Nakize abana b’umworo,Ajanjagure umugunzi.   Bazogutinya igihe cose hazoba hakiriho izuba+,N’imbere y’ukwezi, uko iyaruka rikurikira irindi+.   Azomanuka nk’imvura ku vyatsi bitemwe+,Nk’imicuncubuko y’imvura itotesha isi+.   Mu misi yiwe umugororotsi azonaga+,Kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho+.   Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi+,No kuva kuri rwa Ruzi+ gushika ku mpera z’isi+.   Imbere yiwe ababa mu turere tugadutse bazokwunama+,Kandi abansi biwe bazorigata umukungugu+. 10  Abami ba Tarushishi n’ab’amazinga+Bazoriha ikibuguro+.Abami ba Sheba n’aba Seba—Bazoshikana ituro+. 11  Abami bose bazomukubitira inkoro hasi+;Nayo amahanga yose azomukorera+. 12  Kuko azorokora umworo atabaza+,N’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha+. 13  Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo+,Kandi ubuzima bw’aboro azobukiza+. 14  Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi,Kandi amaraso yabo azoba ay’agaciro mu maso yiwe+. 15  Niyibereho+, kandi ahabwe ku nzahabu z’i Sheba+.Nasengerwe nantaryo;Nahezagirwe burinde bwira+. 16  Hazoba umukimba w’intete kw’isi+;Kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara+.Ivyamwa vyiwe bizoba nk’i Libani+,Kandi abo mu gisagara bazoshurika nk’ibimera vyo kw’isi+. 17  Izina ryiwe niribeho gushika igihe kitagira urugero+;Imbere y’izuba izina ryiwe nirisagambe,Kandi biciye kuri we biheshe umuhezagiro+; Amahanga yose namwite umuhirwe+. 18  Hahezagirwe Yehova Imana, ya Mana ya Isirayeli+,We wenyene akora ibikorwa vy’agatangaza+. 19  Izina ryiwe rininahaye nirihezagirwe gushika igihe kitagira urugero+,Ubuninahazwa bwiwe bwuzure isi yose+.Amen kandi Amen. 20  Amasengesho ya Dawidi, mwene Yese+, ararangiye.

Utujambo tw'epfo