Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 71:1-24

71  Muri wewe, ewe Yehova, ni ho mpungiye+. Yoo! ese ntokwigera maramara+!   Mu bugororotsi bwawe nundokore, unkize+. Ntega ugutwi, unkize+.   Numbere iboma ry’igitandara ryo kwinjiramwo nantaryo+. Tegeka nkizwe+, Kuko uri urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+.   Ewe Mana yanje, nunkize ukuboko kw’umubisha+, Unkize ikiganza c’uwukora ivy’akarenganyo n’agahahazo+.   Kuko uri icizigiro canje+, ewe Mukama Segaba Yehova, umwizero wanje kuva mu buto bwanje+.   Ni wewe nishimikije kuva nkiri mu nda+; Ni wewe wantandukanije n’ubura bwa mama+. Muri wewe ni ho ishemezo ryanje ryama+.   Nacitse nk’igitangaro ku bantu benshi+; Mugabo ni wewe buhungiro bwanje bukomeye+.   Akanwa kanje kuzuye ishemezo ryawe+, Kaguma kuzuye ubwiza bwawe bukarinda bwira+.   Ntunte mu gihe c’ubusaza+; Igihe nyene inkomezi zanje ziriko zirayama, ntumpebe+. 10  Kuko abansi banje bavuze ku binyerekeye+, N’abaguma bareretse ubuzima bwanje bagiye hamwe baja inama+, 11  Ngo: “Imana ubwayo yamuhevye+. Mukurikirane mumufate, kuko ata murokozi ariho+.” 12  Ewe Mana, ntungume kure+. Ewe Mana yanje, nyaruka umfashe+. 13  Nibamaramare, bahone, abo barwanya ubuzima bwanje+. Nibipfuke iceyi n’agateterwe, abo bandonderera ivyago+. 14  Nayo jewe, nzoguma ndindiriye+, Kandi nzokwongereza ishemezo ryawe ryose. 15  Akanwa kanje kazodonda ubugororotsi bwawe+, Kadonde ubukiriro bwawe burinde bwira+, Kuko ntamenye ibitigiri vyavyo+. 16  Nzozanana ubushobozi buhambaye+, ewe Mukama Segaba+ Yehova; Nzovuga ubugororotsi bwawe, ubwawe gusa+. 17  Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje+, Kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza+. 18  Mbere no gushika mu gihe c’ubusaza n’imvi ku mutwe, ewe Mana, ntumpebe+, Gushika mbwiye iyaruka ivy’ukuboko kwawe+, Mbwiye abazoza bose ivy’ubushobozi bwawe+. 19  Ubugororotsi bwawe, ewe Mana, bugereza iyo hejuru+; Nayo ku biraba ibikomeye wakoze+, Ni nde ga Mana ameze nkawe+? 20  Kubera ko watumye mbona amarushwa menshi n’ivyago vyinshi+, Nungarurire agatege+; Ongera unduze, unkure mu nyenga z’amazi z’isi+. 21  Niwongereze ubukuru bwanje+, Unkikuze, umpoze+. 22  Nanje, nzoguhaya ku gicurarangisho c’imirya+, Ku biraba ukuri kwawe, ewe Mana yanje+! Nzoguhibongoreza ku nanga, ewe Mweranda wa Isirayeli+! 23  Iminwa yanje izokwiha akamo k’umunezero igihe nzoba numva noguhibongoreza+, Emwe, jewe uwo wacunguye+. 24  Vyongeye, ururimi rwanje, ruzovuga ubugororotsi bwawe n’ijwi ritoyi burinde bwira+, Kuko bamaramaye, kuko bariye ivyatsi, abandonderera ivyago+.

Amakuru yiyongereye