Zaburi 69:1-36
Ku muyobozi, ku Malisi+. Ni izaburi ya Dawidi.
69 Nkiza Mana, kuko amazi yaje agashika no ku buzima bwanje+.
2 Ndanyitse mu rwondo rugera kure, ahatagira aho guhagarara+.Ninjiye mu mazi maremare,Kandi umugezi utemba urankukumuye+.
3 Narushe no gusemerera+;Umuhogo wanje wasaraye.Amaso yanje yagwabiye ndindiriye Imana yanje+.
4 Abanyankira ubusa babaye benshi mbere kuruta n’umushatsi wo ku mutwe wanje+.Abarondera kunumya, bakaba ari abansi banje ata mvo, babaye benshi+.Ico ntari natwaye ku bwambuzi, naciye ndagisubiza.
5 Ewe Mana, wewe ubwawe waramenye ubupfu bwanje,Kandi ukwagirwa n’icaha kwanje ntiwakunyegejwe+.
6 Ese abakwizigira batomaramara kubera jewe+,Ewe Mukama Segaba, Yehova nyen’ingabo+!Ese abakurondera batoteterwa kubera jewe+,Ewe Mana ya Isirayeli+!
7 Kuko nikoreye iceyi kubera wewe+,Agateterwe kampfutse mu maso+.
8 Nsigaye ninubwa na bene wacu+,Nkaba n’umunyamahanga kuri bene mama+.
9 Kuko umwete w’inzu yawe wandiye+,Kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.
10 Natanguye kurira hariko n’ukwisonzesha kwanje+,Mugabo vyamviriyemwo iceyi+.
11 Igihe nagira igunira icambarwa canje,Nacitse iciro ry’umugani kuri bo+.
12 Abicaye mw’irembo batanguye kurazwa ishinga nanje+,Kandi ni je nari indirimbo z’abanywi b’inzoga iboreza+.
13 Nayo jewe, isengesho ryanje naritura wewe, ewe Yehova+,Ku gihe cemerwa, ewe Mana+!Mu bwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe nunyishurane ukuri kw’ubukiriro bwawe+.
14 Ndokora unkure mu rwondo, kugira ngo sinyike+.Ese norokorwa ngakizwa abanyanka+ be n’amazi maremare+.
15 Ese umugezi utemba w’amazi utonkukumura+,Canke ngo ibwina hamire,Canke ngo iriba rindumanirizeko akanwa karyo+.
16 Nunyishure, Yehova we, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore+.Nk’uko imbabazi zawe ari indiri, nuhindukirire aho ndi+,
17 Kandi ntuhishe mu maso hawe umusavyi wawe+.Kubera ko ngeze habi, nunyishure ningoga+.
18 Egera ubuzima bwanje, ubuhabuze+;Nuncungure kubera abansi banje+.
19 Wewe ubwawe waramenye iceyi canje n’ibimaramare vyanje n’agateterwe kanje+.Abanyanka bose bari imbere yawe+.
20 Iceyi cavunye umutima wanje, kandi igikomere ntigikira+.Naguma nizigiye ko hagira uwunyumvira ikibabarwe, mugabo ntihaboneka n’umwe+;Naguma nizigiye ko haba abahoza, mugabo sinaronka n’umwe+.
21 Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+.
22 Imeza yabo nibe umutego imbere yabo+,Icotumye bamererwa neza na co kibe umushibuka+.
23 Amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone+;Nutume amafyinga yabo anyoganyoga nantaryo+.
24 Nubasukeko imisibo yawe+,Ishavu ryawe rirurumba ribahamvye+.
25 Ikambi yabo izitijwe uruhome nicike umusaka+;Mu mahema yabo ntihaboneke uwuhaba+.
26 Kuko umuntu wewe ubwawe wakubise ari we bakurikiranye+,Imibabaro y’abo watobekeranije ikaba ari yo baguma badonda.
27 Ongera ikosa kw’ikosa ryabo+,Kandi ntibinjire mu bugororotsi bwawe+.
28 Nibahanagurwe mu gitabu c’abazima+,Kandi ntibandikwemwo hamwe n’abagororotsi+.
29 Mugabo jewe ndi umurushwa kandi ndasasatwa+.Ewe Mana, ubukiriro bwawe nibunkingire+.
30 Nzoshemeza izina ry’Imana n’ururirimbo+,Kandi nzoyininaharisha ugukenguruka+.
31 Ivyo kandi bizohimbara Yehova kuruta ishūri+,Kuruta ikimasa c’amahembe, gisatuye ikinono+.
32 Abatekereza ntibazobura kubibona; bazonezerwa+.Mwebwe murondera Imana, umutima wanyu nubandanye kubaho+.
33 Kuko Yehova yumviriza aboro+,Kandi ntazogenda asuzuguye imbohe ziwe+.
34 Ijuru n’isi nibimushemeze+,Ibiyaga n’ibigendera muri vyo vyose+.
35 Kuko Imana ubwayo izokiza Siyoni+,Yubake ibisagara vya Yuda+;Kandi ntibazobura kwiberayo, bahigarurire+.
36 Uruvyaro rw’abasavyi bayo ruzohatorana+,Kandi abakunda izina ryayo ni bo bazohaba+.