Zaburi 69:1-36

Ku muyobozi, ku Malisi+. Ni izaburi ya Dawidi. 69  Nkiza Mana, kuko amazi yaje agashika no ku buzima bwanje+.   Ndanyitse mu rwondo rugera kure, ahatagira aho guhagarara+.Ninjiye mu mazi maremare,Kandi umugezi utemba urankukumuye+.   Narushe no gusemerera+;Umuhogo wanje wasaraye.Amaso yanje yagwabiye ndindiriye Imana yanje+.   Abanyankira ubusa babaye benshi mbere kuruta n’umushatsi wo ku mutwe wanje+.Abarondera kunumya, bakaba ari abansi banje ata mvo, babaye benshi+.Ico ntari natwaye ku bwambuzi, naciye ndagisubiza.   Ewe Mana, wewe ubwawe waramenye ubupfu bwanje,Kandi ukwagirwa n’icaha kwanje ntiwakunyegejwe+.   Ese abakwizigira batomaramara kubera jewe+,Ewe Mukama Segaba, Yehova nyen’ingabo+!Ese abakurondera batoteterwa kubera jewe+,Ewe Mana ya Isirayeli+!   Kuko nikoreye iceyi kubera wewe+,Agateterwe kampfutse mu maso+.   Nsigaye ninubwa na bene wacu+,Nkaba n’umunyamahanga kuri bene mama+.   Kuko umwete w’inzu yawe wandiye+,Kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+. 10  Natanguye kurira hariko n’ukwisonzesha kwanje+,Mugabo vyamviriyemwo iceyi+. 11  Igihe nagira igunira icambarwa canje,Nacitse iciro ry’umugani kuri bo+. 12  Abicaye mw’irembo batanguye kurazwa ishinga nanje+,Kandi ni je nari indirimbo z’abanywi b’inzoga iboreza+. 13  Nayo jewe, isengesho ryanje naritura wewe, ewe Yehova+,Ku gihe cemerwa, ewe Mana+!Mu bwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe nunyishurane ukuri kw’ubukiriro bwawe+. 14  Ndokora unkure mu rwondo, kugira ngo sinyike+.Ese norokorwa ngakizwa abanyanka+ be n’amazi maremare+. 15  Ese umugezi utemba w’amazi utonkukumura+,Canke ngo ibwina hamire,Canke ngo iriba rindumanirizeko akanwa karyo+. 16  Nunyishure, Yehova we, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore+.Nk’uko imbabazi zawe ari indiri, nuhindukirire aho ndi+, 17  Kandi ntuhishe mu maso hawe umusavyi wawe+.Kubera ko ngeze habi, nunyishure ningoga+. 18  Egera ubuzima bwanje, ubuhabuze+;Nuncungure kubera abansi banje+. 19  Wewe ubwawe waramenye iceyi canje n’ibimaramare vyanje n’agateterwe kanje+.Abanyanka bose bari imbere yawe+. 20  Iceyi cavunye umutima wanje, kandi igikomere ntigikira+.Naguma nizigiye ko hagira uwunyumvira ikibabarwe, mugabo ntihaboneka n’umwe+;Naguma nizigiye ko haba abahoza, mugabo sinaronka n’umwe+. 21  Mugabo bampaye igiterwa c’ubumara ngo kimbere ibifungurwa+,Bagerageza kunywesha inkarihe ngo banzimye inyota+. 22  Imeza yabo nibe umutego imbere yabo+,Icotumye bamererwa neza na co kibe umushibuka+. 23  Amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone+;Nutume amafyinga yabo anyoganyoga nantaryo+. 24  Nubasukeko imisibo yawe+,Ishavu ryawe rirurumba ribahamvye+. 25  Ikambi yabo izitijwe uruhome nicike umusaka+;Mu mahema yabo ntihaboneke uwuhaba+. 26  Kuko umuntu wewe ubwawe wakubise ari we bakurikiranye+,Imibabaro y’abo watobekeranije ikaba ari yo baguma badonda. 27  Ongera ikosa kw’ikosa ryabo+,Kandi ntibinjire mu bugororotsi bwawe+. 28  Nibahanagurwe mu gitabu c’abazima+,Kandi ntibandikwemwo hamwe n’abagororotsi+. 29  Mugabo jewe ndi umurushwa kandi ndasasatwa+.Ewe Mana, ubukiriro bwawe nibunkingire+. 30  Nzoshemeza izina ry’Imana n’ururirimbo+,Kandi nzoyininaharisha ugukenguruka+. 31  Ivyo kandi bizohimbara Yehova kuruta ishūri+,Kuruta ikimasa c’amahembe, gisatuye ikinono+. 32  Abatekereza ntibazobura kubibona; bazonezerwa+.Mwebwe murondera Imana, umutima wanyu nubandanye kubaho+. 33  Kuko Yehova yumviriza aboro+,Kandi ntazogenda asuzuguye imbohe ziwe+. 34  Ijuru n’isi nibimushemeze+,Ibiyaga n’ibigendera muri vyo vyose+. 35  Kuko Imana ubwayo izokiza Siyoni+,Yubake ibisagara vya Yuda+;Kandi ntibazobura kwiberayo, bahigarurire+. 36  Uruvyaro rw’abasavyi bayo ruzohatorana+,Kandi abakunda izina ryayo ni bo bazohaba+.

Utujambo tw'epfo