Zaburi 68:1-35

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo, ururirimbo. 68  Imana nihaguruke+, abansi bayo nibasanzare+,Abayanka urunuka bahunge kubera yo+.   Nubagurure, nk’uko umwotsi ugururwa n’umuyaga+;Nk’uko ishashara ishonga kubera umuriro+,Ababisha nibayogere bave imbere y’Imana+.   Nayo abagororotsi, nibanezerwe+,Akamwemwe nikabasye imbere y’Imana+,Bigine kubera umunezero+.   Nimuririmbire Imana, muhibongoreze izina ryayo+;Dugirize ururirimbo Umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa+,Akabigira ari Ya*, ari ryo zina ryiwe+; mutambe mutarike imbere yiwe;   Imana, ahantu hayo heranda iba+,Ni se w’impfuvyi* ikaba n’umucamanza w’abapfakazi+.   Imana ituma inyakamwe zibera mu nzu+;Isohora imbohe ikaziha gutunganirwa bimwe bishitse+.Ariko intumva zozo, zibwirizwa kuba mu gihugu kibabutse+.   Ewe Mana, igihe wasohoka ugendera imbere y’abantu bawe+,Igihe wagenda uca mu bugaragwa+Sela—   Isi yaratigise+,Ijuru na ryo riratonyanga kubera Imana+;Iyi Sinayi yaratigise kubera Imana+, ya Mana ya Isirayeli+.   Watanguye kugwisha umucuncubuko w’imvura y’isegenya, ewe Mana+!Intoranwa yawe, n’igihe yari irambiwe, ubwawe warayisubijemwo ingoga+. 10  Ikigwati cawe c’amahema+, barakibayemwo+;Mu kumera neza kwawe watanguye kugitegurira umurushwa, ewe Mana+! 11  Yehova ubwiwe aravuga ijambo+;Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+. 12  Mbere n’abami b’ingabo barahunga, emwe, bagahunga+.Nayo umugore yibera i muhira, araronka kw’isahu+. 13  Naho mwagumye muryamye hagati y’ibirundo vy’umunyota vy’ikambi,Hazoba amababa y’inuma akuyengejeko ifeza,Amubi yayo akaba akuyengejeko inzahabu y’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo+. 14  Igihe Mushoboravyose yashwiragiza abami baho+,I Zalumoni hatanguye kugwa shelegi+. 15  Akarere k’imisozi ka Bashani+ ni umusozi w’Imana+;Akarere k’imisozi ka Bashani ni umusozi w’amasonga+. 16  Kubera iki ga mwa misozi y’amasonga muguma murabana ishariUmusozi Imana yashatse kubako+?Mbere Yehova ubwiwe azohaba ibihe bidahera+. 17  Imikogote y’intambara y’Imana iharurwa mu bihumbi mirongo, mu bihumbi n’ibihumbi incuro n’izindi+.Yehova ubwiwe yavuye i Sinayi yinjira ahantu heranda+. 18  Waduze iyo hejuru+;Wajanye imbohe+;Watwaye ingabirano zigizwe n’abagabo+,Egome, mbere intumva+, ngo ube hagati muri bo+, ewe Ya, Mana! 19  Hahezagirwe Yehova atwikorerera umutwaro ku musi ku musi+,We Mana y’ukuri y’ubukiriro bwacu+. Sela. 20  Imana y’ukuri kuri twebwe ni Imana y’ibikorwa vy’ugukiza+;Kandi ivyanzo bikura umuntu mu rupfu+ ni ivya Yehova Umukama Segaba+. 21  Koko, Imana ubwayo izomenagura umutwe w’abansi bayo+,Imenagure urutwariro rwuzuyeko umushatsi rw’uwo wese agendagendera mu caha ciwe+. 22  Yehova yavuze ati: “Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+,Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga+, 23  Kugira ngo woze ikirenge cawe mu maraso+,Ngo ururimi rw’imbwa zawe ruronke umugabane warwo ku bansi+.” 24  Barabonye ingendo zawe, ewe Mana+,Ingendo z’Imana yanje, Umwami wanje, zo kuja ahantu heranda+. 25  Abaririmvyi bagendera imbere, abavuza ibicurarangisho vy’imirya bakabakurikira+;Hagati hari abigeme bakubita utugoma+. 26  Nimuhezagire Imana mu makinja y’abantu akoranye+,Muhezagire Yehova, yemwe abava kw’Isôko rya Isirayeli+! 27  Aho ni ho hari ka Benyamini kabamara igabo+,Abaganwa ba Yuda kumwe n’isinzi ryabo ryiha akaruru,Abaganwa ba Zebuloni, abaganwa ba Nafutali+. 28  Imana yawe yashingiye itegeko inkomezi zawe+.Niwerekane inkomezi, ewe Mana, wewe wagize ico ukoze ku bwacu+. 29  Kubera urusengero rwawe i Yeruzalemu+,Abami bazokuzanira amaturo+. 30  Hambarira igikoko co mu marenga+, ikoraniro ry’amashūri+,Kumwe n’inyana z’ibisata vy’abantu, imwe yose igakandagira ibipande vy’ifeza+.Yasanzaje ibisata vy’abantu bihimbarwa n’indwano+. 31  Ibintu vy’umujumpu w’imvange bizoza bivuye mu Misiri+;Kushi ubwayo izoramvurira Imana ningoga amaboko ifise amaturo+. 32  Emwe mwa bwami bwo mw’isi, nimuririmbire Imana+,Nimuhibongoreze Yehova—Sela 33  Umwe agendera kw’ijuru rya kera ry’amajuru+.Yewe ga yee! Asamirana n’ijwi ryiwe, ijwi rikomeye+. 34  Herereze inkomezi ku Mana+.Kuri Isirayeli ni ho ubukuru bwayo buri, inkomezi zayo na zo zikaba mu bicu+. 35  Imana irateye ubwoba ivuye aheranda hawe hahambaye+.Ni yo Mana ya Isirayeli, imwe iha abantu inkomezi, mbere n’ubushobozi+.Imana nihezagirwe+.

Amakuru yiyongereye

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”
Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”