Zaburi 68:1-35
Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo, ururirimbo.
68 Imana nihaguruke+, abansi bayo nibasanzare+,Abayanka urunuka bahunge kubera yo+.
2 Nubagurure, nk’uko umwotsi ugururwa n’umuyaga+;Nk’uko ishashara ishonga kubera umuriro+,Ababisha nibayogere bave imbere y’Imana+.
3 Nayo abagororotsi, nibanezerwe+,Akamwemwe nikabasye imbere y’Imana+,Bigine kubera umunezero+.
4 Nimuririmbire Imana, muhibongoreze izina ryayo+;Dugirize ururirimbo Umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa+,Akabigira ari Ya*, ari ryo zina ryiwe+; mutambe mutarike imbere yiwe;
5 Imana, ahantu hayo heranda iba+,Ni se w’impfuvyi* ikaba n’umucamanza w’abapfakazi+.
6 Imana ituma inyakamwe zibera mu nzu+;Isohora imbohe ikaziha gutunganirwa bimwe bishitse+.Ariko intumva zozo, zibwirizwa kuba mu gihugu kibabutse+.
7 Ewe Mana, igihe wasohoka ugendera imbere y’abantu bawe+,Igihe wagenda uca mu bugaragwa+—Sela—
8 Isi yaratigise+,Ijuru na ryo riratonyanga kubera Imana+;Iyi Sinayi yaratigise kubera Imana+, ya Mana ya Isirayeli+.
9 Watanguye kugwisha umucuncubuko w’imvura y’isegenya, ewe Mana+!Intoranwa yawe, n’igihe yari irambiwe, ubwawe warayisubijemwo ingoga+.
10 Ikigwati cawe c’amahema+, barakibayemwo+;Mu kumera neza kwawe watanguye kugitegurira umurushwa, ewe Mana+!
11 Yehova ubwiwe aravuga ijambo+;Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi+.
12 Mbere n’abami b’ingabo barahunga, emwe, bagahunga+.Nayo umugore yibera i muhira, araronka kw’isahu+.
13 Naho mwagumye muryamye hagati y’ibirundo vy’umunyota vy’ikambi,Hazoba amababa y’inuma akuyengejeko ifeza,Amubi yayo akaba akuyengejeko inzahabu y’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo+.
14 Igihe Mushoboravyose yashwiragiza abami baho+,I Zalumoni hatanguye kugwa shelegi+.
15 Akarere k’imisozi ka Bashani+ ni umusozi w’Imana+;Akarere k’imisozi ka Bashani ni umusozi w’amasonga+.
16 Kubera iki ga mwa misozi y’amasonga muguma murabana ishariUmusozi Imana yashatse kubako+?Mbere Yehova ubwiwe azohaba ibihe bidahera+.
17 Imikogote y’intambara y’Imana iharurwa mu bihumbi mirongo, mu bihumbi n’ibihumbi incuro n’izindi+.Yehova ubwiwe yavuye i Sinayi yinjira ahantu heranda+.
18 Waduze iyo hejuru+;Wajanye imbohe+;Watwaye ingabirano zigizwe n’abagabo+,Egome, mbere intumva+, ngo ube hagati muri bo+, ewe Ya, Mana!
19 Hahezagirwe Yehova atwikorerera umutwaro ku musi ku musi+,We Mana y’ukuri y’ubukiriro bwacu+. Sela.
20 Imana y’ukuri kuri twebwe ni Imana y’ibikorwa vy’ugukiza+;Kandi ivyanzo bikura umuntu mu rupfu+ ni ivya Yehova Umukama Segaba+.
21 Koko, Imana ubwayo izomenagura umutwe w’abansi bayo+,Imenagure urutwariro rwuzuyeko umushatsi rw’uwo wese agendagendera mu caha ciwe+.
22 Yehova yavuze ati: “Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+,Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga+,
23 Kugira ngo woze ikirenge cawe mu maraso+,Ngo ururimi rw’imbwa zawe ruronke umugabane warwo ku bansi+.”
24 Barabonye ingendo zawe, ewe Mana+,Ingendo z’Imana yanje, Umwami wanje, zo kuja ahantu heranda+.
25 Abaririmvyi bagendera imbere, abavuza ibicurarangisho vy’imirya bakabakurikira+;Hagati hari abigeme bakubita utugoma+.
26 Nimuhezagire Imana mu makinja y’abantu akoranye+,Muhezagire Yehova, yemwe abava kw’Isôko rya Isirayeli+!
27 Aho ni ho hari ka Benyamini kabamara igabo+,Abaganwa ba Yuda kumwe n’isinzi ryabo ryiha akaruru,Abaganwa ba Zebuloni, abaganwa ba Nafutali+.
28 Imana yawe yashingiye itegeko inkomezi zawe+.Niwerekane inkomezi, ewe Mana, wewe wagize ico ukoze ku bwacu+.
29 Kubera urusengero rwawe i Yeruzalemu+,Abami bazokuzanira amaturo+.
30 Hambarira igikoko co mu marenga+, ikoraniro ry’amashūri+,Kumwe n’inyana z’ibisata vy’abantu, imwe yose igakandagira ibipande vy’ifeza+.Yasanzaje ibisata vy’abantu bihimbarwa n’indwano+.
31 Ibintu vy’umujumpu w’imvange bizoza bivuye mu Misiri+;Kushi ubwayo izoramvurira Imana ningoga amaboko ifise amaturo+.
32 Emwe mwa bwami bwo mw’isi, nimuririmbire Imana+,Nimuhibongoreze Yehova—Sela—
33 Umwe agendera kw’ijuru rya kera ry’amajuru+.Yewe ga yee! Asamirana n’ijwi ryiwe, ijwi rikomeye+.
34 Herereze inkomezi ku Mana+.Kuri Isirayeli ni ho ubukuru bwayo buri, inkomezi zayo na zo zikaba mu bicu+.
35 Imana irateye ubwoba ivuye aheranda hawe hahambaye+.Ni yo Mana ya Isirayeli, imwe iha abantu inkomezi, mbere n’ubushobozi+.Imana nihezagirwe+.
Amakuru yiyongereye
^ “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”