Zaburi 67:1-7
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Agahibongozo, ururirimbo.
67 Imana ubwayo izotugirira ubutoni kandi iduhezagire+;Izotuma mu maso hayo hakayanganira kuri twebwe+—Sela—
2 Kugira ngo inzira yawe imenyekane mw’isi+,Ubukiriro bwawe bumenyekane no mu mahanga yose+.
3 Ibisata vy’abantu nibiguhaye, ewe Mana+!Ibisata vy’abantu, vyose hamwe, nibiguhaye+.
4 Imiryango y’amahanga ninezerwe, yihe akamo k’umunezero+,Kuko uzocira imanza ibisata vy’abantu mu kugororoka+;Nayo imiryango y’amahanga, kw’isi uzoyiyobora. Sela.
5 Ibisata vy’abantu nibiguhaye, ewe Mana+;Ibisata vy’abantu, vyose hamwe, nibiguhaye+.
6 Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo+;Imana, Imana yacu, izoduhezagira+.
7 Imana izoduhezagira+,Kandi impera zose z’isi zizoyitinya+.