Zaburi 67:1-7

Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Agahibongozo, ururirimbo. 67  Imana ubwayo izotugirira ubutoni kandi iduhezagire+;Izotuma mu maso hayo hakayanganira kuri twebwe+Sela   Kugira ngo inzira yawe imenyekane mw’isi+,Ubukiriro bwawe bumenyekane no mu mahanga yose+.   Ibisata vy’abantu nibiguhaye, ewe Mana+!Ibisata vy’abantu, vyose hamwe, nibiguhaye+.   Imiryango y’amahanga ninezerwe, yihe akamo k’umunezero+,Kuko uzocira imanza ibisata vy’abantu mu kugororoka+;Nayo imiryango y’amahanga, kw’isi uzoyiyobora. Sela.   Ibisata vy’abantu nibiguhaye, ewe Mana+;Ibisata vy’abantu, vyose hamwe, nibiguhaye+.   Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo+;Imana, Imana yacu, izoduhezagira+.   Imana izoduhezagira+,Kandi impera zose z’isi zizoyitinya+.

Utujambo tw'epfo