Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 66:1-20

Ku muyobozi. Ururirimbo, agahibongozo. 66  Nimuvugirize Imana akaruru k’intsinzi, yemwe abo kw’isi mwese+!   Nimuhibongoreze ubuninahazwa bw’izina ryiwe+.Nimutume ishemezo ryiwe riba irininahaye+.   Bwire Imana muti: “Ese ingene ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!Kubera ubwinshi bw’inkomezi zawe, abansi bawe bazoza kuri wewe bahinda agashitsi+.   Abo kw’isi bose bazokwunamira+,Kandi bazoguhibongoreza, bazohibongoreza izina ryawe+.” Sela.   Nimuze murabe ibikorwa vy’Imana+.Ivyo igirira abana b’abantu birateye ubwoba+.   Ikiyaga yagihinduye isi yumutse+;Bajabutse n’amaguru baciye mu ruzi+.Ng’aho, dutangura kunezerwa mu Mana+.   Iganzisha ubushobozi bwayo gushika igihe kitagira urugero+.Amaso yayo aguma areretse amahanga+.Nayo intagondwa, ntizishire hejuru+. Sela.   Hezagire Imana yacu, yemwe bisata vy’abantu+,Mwumvikanishe ijwi ry’ukuyishemeza+.   Idushira mu buzima+,Kandi ntiyaretse ikirenge cacu ngo kinyiganyige+. 10  Kuko wadusuzumye, ewe Mana+;Wadutyoroye nk’uwutyorora ifeza+. 11  Watwinjije mu rusenga rw’uruhigi+;Wadushize umukazo mu mafyinga. 12  Watumye umuntu buntu atugendera ku mutwe+;Twaciye mu muriro no mu mazi+,Uradusohora utuzana ku gutabarwa+. 13  Nzoza mu nzu yawe mfise amashikanwa aturirwa uko yakabaye+;Nzoshitsa indagano zanje kuri wewe+, 14  Izo iminwa yanje yasamye ikavuga+,N’umunwa wanje ukazivuga igihe nari ngeze habi+. 15  Nzogushikanira amashikanwa aturirwa uko yakabaye y’ibitungwa bikiri bito binuze+,Kumwe n’umwotsi w’ibimazi w’impfizi z’intama.Nzohereza ishūri hamwe n’amasuguru y’impene+. Sela. 16  Nimuze mwumvirize, yemwe abatinya Imana mwese, nigane+Ivyo yankoreye+. 17  Narayihamagaye n’akanwa kanje+,Ururimi rwanje na rwo rurayihayagiza+. 18  Nimba mu mutima wanje naritegereje ikibi na kimwe,Yehova ntazonyumva+. 19  Vy’ukuri, Imana yarumvise+;Yateze ugutwi ijwi ry’isengesho ryanje+. 20  Hahezagirwe Imana itigijeyo isengesho ryanje,Canke ngo yigize ubuntu bwuzuye urukundo bwayo kure yanje+.

Amakuru yiyongereye