Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 65:1-13

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Ururirimbo. 65  Imbere yawe hari ishemezo n’agacerere, ewe Mana, i Siyoni+; Kandi indagano izoshitswa kuri wewe+.   Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe+.   Ibintu vy’ikosa vyandushije inkomezi+. Nayo ibigabitanyo vyacu, wewe ubwawe uzobipfuka+.   Hahiriwe uwo utora ukamwiyegereza+, Ngo yibere mu bigo vyawe+. Ntituzobura guhazwa n’ukumera neza kw’inzu yawe+, Ahantu heranda h’urusengero rwawe+.   Uzotwishura ukoresheje ibintu biteye ubwoba, mu bugororotsi+, Ewe Mana y’ubukiriro bwacu+, Mizero y’imipaka yose y’isi n’abari kure ku kiyaga+.   Ashimangira imisozi akoresheje ububasha bwiwe+; Emwe, akenyeye ubushobozi+.   Ahwamika urwamo rw’ibiyaga+, Urwamo rw’imipfunda yavyo n’uruyogoyogo rw’imiryango y’amahanga+.   Ababa iyo catawe bazotinya ibimenyetso vyawe+; Utuma uguturuka kw’igitondo n’ukw’umugoroba vyiha akamo k’umunezero+.   Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba+; Urayitungisha cane. Umugezi uva ku Mana wuzuye amazi+. Utegura intete zabo+, Kuko ukwo ari ko utegura isi+. 10  Imirongo yayo y’ubusizi irajobekwa, ibinonko vyayo bikaringanizwa+; Uyorohesha imicuncubuko y’imvura; uhezagira iminago yayo+. 11  Wambitse umwaka urugori rw’ineza yawe+, Kandi imihora yawe itonyanga ibinure+. 12  Amatongo y’uburagiriro y’agahinga aguma atonyanga+, Imirambi na yo igakenyera akanyamuneza+. 13  Amaragiriro yambaye imikuku+, Ibiyaya vyo hasi na vyo bitwikiriwe n’intete+. Vyiha akaruru k’intsinzi, egome, biraririmba+.

Amakuru yiyongereye