Zaburi 64:1-10
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
64 Ewe Mana, niwumve ijwi ryanje mu maganya yanje+.Ese wozigama ubuzima bwanje ukabukiza inguvu ziteye ubwoba z’umwansi+.
2 Ese wompisha ikiyago c’akabanga c’inkozi z’ikibi+,Ukampisha uruhagarara rw’abakora ibibabaza+,
3 Abakarihije ururimi rwabo nk’inkota+,Bagatumbereza umwampi wabo, imvugo irura+,
4 Ngo barase uwutagirako umugayo bari ahantu hihishije+.Bukwi na bukwi baramurasa, kandi ntibatinya+.
5 Bumira ku mvugo mbi+;Bavuga ivyo kunyegeza imitego+.Bavuze ngo: “Ni nde ayibona+?”
6 Baguma baserangura ibintu bitagororotse+;Banyegeje umugambi w’urwenge useranguwe neza+,Kandi imbere muri umwe wese, egome, umutima wiwe, hashika kure ibwina+.
7 Mugabo Imana izobarasa umwampi bukwi na bukwi+.Vyabaviriyemwo ibikomere+,
8 Kandi baratsitaza umuntu+.Mugabo ururimi rwabo ni bo ubwabo rugirira nabi+.Ababitegereza bose bazozunza umutwe+,
9 Kandi abantu bakuwe mw’ivu bose bazotinya+;Bazoyaga igikorwa c’Imana+,Kandi ntibazobura gutahura igikorwa cayo bimwe vyimbitse+.
10 Umugororotsi azonezerwa muri Yehova kandi azohungira koko muri we+;Kandi ab’umutima ugororotse bose bazokwirata+.