Zaburi 64:1-10

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 64  Ewe Mana, niwumve ijwi ryanje mu maganya yanje+.Ese wozigama ubuzima bwanje ukabukiza inguvu ziteye ubwoba z’umwansi+.   Ese wompisha ikiyago c’akabanga c’inkozi z’ikibi+,Ukampisha uruhagarara rw’abakora ibibabaza+,   Abakarihije ururimi rwabo nk’inkota+,Bagatumbereza umwampi wabo, imvugo irura+,   Ngo barase uwutagirako umugayo bari ahantu hihishije+.Bukwi na bukwi baramurasa, kandi ntibatinya+.   Bumira ku mvugo mbi+;Bavuga ivyo kunyegeza imitego+.Bavuze ngo: “Ni nde ayibona+?”   Baguma baserangura ibintu bitagororotse+;Banyegeje umugambi w’urwenge useranguwe neza+,Kandi imbere muri umwe wese, egome, umutima wiwe, hashika kure ibwina+.   Mugabo Imana izobarasa umwampi bukwi na bukwi+.Vyabaviriyemwo ibikomere+,   Kandi baratsitaza umuntu+.Mugabo ururimi rwabo ni bo ubwabo rugirira nabi+.Ababitegereza bose bazozunza umutwe+,   Kandi abantu bakuwe mw’ivu bose bazotinya+;Bazoyaga igikorwa c’Imana+,Kandi ntibazobura gutahura igikorwa cayo bimwe vyimbitse+. 10  Umugororotsi azonezerwa muri Yehova kandi azohungira koko muri we+;Kandi ab’umutima ugororotse bose bazokwirata+.

Utujambo tw'epfo