Zaburi 63:1-11
Agahibongozo ka Dawidi, igihe yari mu gahinga ka Yuda+.
63 Ewe Mana, uri Imana yanje, nguma nkurondera+.Umutima wanje urakunyotewe vy’ukuri+.Umubiri wanje urabitswe no kugucambirwaMu gihugu cumye kandi kirushe, hatagira amazi+.
2 Ni co gituma nakwitegereje ha hantu heranda+,Igihe nabona inkomezi zawe n’ubuninahazwa bwawe+.
3 Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwiza kuruta ubuzima+,Iminwa yanje izogukeza+.
4 Gutyo nzoguhezagira nkiriho+;Mw’izina ryawe nzoduza ibiganza vyanje+.
5 Umutima wanje uhāze nk’uwuriye igihimba ciza kuruta ibindi, emwe, ikinure+,Akanwa kanje na ko gashikana ishemezo gakoresheje iminwa yuzuye akamo k’umunezero+.
6 Iyo nkwibutse ndi ku buriri bwanje+,Mu materama y’ijoro ndakuzirikana+.
7 Kuko wambereye gitabara+,Kandi mu gitutu c’amababa yawe ndiha akamo k’umunezero+.
8 Umutima wanje wagukurikiye ubutavirira+;Ukuryo kwawe kurangumije+.
9 Nayo abaguma bandondera ngo bankureho+,Bazokwinjira mu bihimba vy’epfo rwose vy’isi+.
10 Bazotangwa ku bubasha bw’inkota+;Bazocika umugabane w’imbwebwe+.
11 Kandi umwami ubwiwe azonezererwa Imana+.Uwo wese ayirahira azokwirata+,Kuko akanwa k’abavuga ibinyoma kazozibwa+.