Zaburi 63:1-11

Agahibongozo ka Dawidi, igihe yari mu gahinga ka Yuda+. 63  Ewe Mana, uri Imana yanje, nguma nkurondera+.Umutima wanje urakunyotewe vy’ukuri+.Umubiri wanje urabitswe no kugucambirwaMu gihugu cumye kandi kirushe, hatagira amazi+.   Ni co gituma nakwitegereje ha hantu heranda+,Igihe nabona inkomezi zawe n’ubuninahazwa bwawe+.   Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwiza kuruta ubuzima+,Iminwa yanje izogukeza+.   Gutyo nzoguhezagira nkiriho+;Mw’izina ryawe nzoduza ibiganza vyanje+.   Umutima wanje uhāze nk’uwuriye igihimba ciza kuruta ibindi, emwe, ikinure+,Akanwa kanje na ko gashikana ishemezo gakoresheje iminwa yuzuye akamo k’umunezero+.   Iyo nkwibutse ndi ku buriri bwanje+,Mu materama y’ijoro ndakuzirikana+.   Kuko wambereye gitabara+,Kandi mu gitutu c’amababa yawe ndiha akamo k’umunezero+.   Umutima wanje wagukurikiye ubutavirira+;Ukuryo kwawe kurangumije+.   Nayo abaguma bandondera ngo bankureho+,Bazokwinjira mu bihimba vy’epfo rwose vy’isi+. 10  Bazotangwa ku bubasha bw’inkota+;Bazocika umugabane w’imbwebwe+. 11  Kandi umwami ubwiwe azonezererwa Imana+.Uwo wese ayirahira azokwirata+,Kuko akanwa k’abavuga ibinyoma kazozibwa+.

Utujambo tw'epfo