Zaburi 61:1-8

Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Ni izaburi ya Dawidi. 61  Niwumve akamo kanje k’ukwinginga, ewe Mana+!Niwumvirize isengesho ryanje+.   Nzoririra ku mpera y’isi, ndirira wewe, umutima wanje niwagoyagoya+.Nunyobore unshire ku gitandara kirekire kunduta+.   Kuko wambereye ubuhungiro+,Umunara ukomeye imbere y’umwansi+.   Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.   Kuko wewe ubwawe, ewe Mana, wumvirije indagano zanje+.Wampaye intoranwa y’abatinya izina ryawe+.   Uzokwongera imisi ku misi y’umwami+;Imyaka yiwe izomera nk’uko iyaruka rikurikira irindi+.   Azokwibera imbere y’Imana gushika igihe kitagira urugero+;Yoo! bwiriza ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, bimuzigame+.   Ni co gituma nzohibongoreza izina ryawe ibihe bidahera+,Kugira ngo nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije+.

Utujambo tw'epfo