Zaburi 61:1-8
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Ni izaburi ya Dawidi.
61 Niwumve akamo kanje k’ukwinginga, ewe Mana+!Niwumvirize isengesho ryanje+.
2 Nzoririra ku mpera y’isi, ndirira wewe, umutima wanje niwagoyagoya+.Nunyobore unshire ku gitandara kirekire kunduta+.
3 Kuko wambereye ubuhungiro+,Umunara ukomeye imbere y’umwansi+.
4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.
5 Kuko wewe ubwawe, ewe Mana, wumvirije indagano zanje+.Wampaye intoranwa y’abatinya izina ryawe+.
6 Uzokwongera imisi ku misi y’umwami+;Imyaka yiwe izomera nk’uko iyaruka rikurikira irindi+.
7 Azokwibera imbere y’Imana gushika igihe kitagira urugero+;Yoo! bwiriza ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, bimuzigame+.
8 Ni co gituma nzohibongoreza izina ryawe ibihe bidahera+,Kugira ngo nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije+.