Zaburi 60:1-12
Ku muyobozi, kw’Ilisi ry’Icibutsa. Mikitamu. Ni izaburi ya Dawidi. Ku bwo kwigisha+. Igihe yarwana na Aramu-naharayimu na Aramu-Zoba, Yowabu na we akagaruka agasasika Edomu mu Mubande w’Umunyu, emwe, ibihumbi cumi na bibiri+.
60 Ewe Mana, wadushibuye, waduciyemwo igihengeri+,Warurumvye ishavu. Ukwiye kudusubiza itoto+.
2 Watigitishije isi, warayisatuye+.Nuzibire imigaga yayo, kuko yanyiganyize+.
3 Watumye abantu bawe babona amagume+.Watunywesheje umuvinyu udutera ibizunguzungu+.
4 Wahaye ikimenyetso abagutinya+Ngo bahunge badandabagirana kubera umuheto. Sela.
5 Kugira ngo abakundwa bawe batabarwe+,Yoo! kirisha ukuryo kwawe kandi utwishure+.
6 Imana ubwayo yavuze mu bweranda bwayo+ iti:“Nzokwigina, nzotanga Shekemu bwa mugabane+;Kandi ikiyaya co hasi ca Sukoti nzokigera+.
7 Gileyadi ni rwanje na Manase ni rwanje+,Efurayimu na yo ni iboma ry’umukuru wanje;Yuda ni inkoni yanje ya kizigenza+.
8 Mowabu ni inkono yanje yo gukarabiramwo+.Nzoterera inkweto* yanje kuri Edomu+.Nzokwiha akaruru k’intsinzi kuri Filisitiya+.”
9 Ni nde azonzana ku gisagara cugarijwe+?Ni nde koko azonyobora akanshikana i Edomu+?
10 Mbega si wewe ga Mana, wewe wadushibuye+,Wewe utajana n’ingabo zacu bwa Mana+?
11 Nudutabare amarushwa+,Kuko ubukiriro butangwa n’umuntu yakuwe mw’ivu butagira akamaro+.
12 Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+,Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “isandali.”