Zaburi 60:1-12

Ku muyobozi, kw’Ilisi ry’Icibutsa. Mikitamu. Ni izaburi ya Dawidi. Ku bwo kwigisha+. Igihe yarwana na Aramu-naharayimu na Aramu-Zoba, Yowabu na we akagaruka agasasika Edomu mu Mubande w’Umunyu, emwe, ibihumbi cumi na bibiri+. 60  Ewe Mana, wadushibuye, waduciyemwo igihengeri+,Warurumvye ishavu. Ukwiye kudusubiza itoto+.   Watigitishije isi, warayisatuye+.Nuzibire imigaga yayo, kuko yanyiganyize+.   Watumye abantu bawe babona amagume+.Watunywesheje umuvinyu udutera ibizunguzungu+.   Wahaye ikimenyetso abagutinya+Ngo bahunge badandabagirana kubera umuheto. Sela.   Kugira ngo abakundwa bawe batabarwe+,Yoo! kirisha ukuryo kwawe kandi utwishure+.   Imana ubwayo yavuze mu bweranda bwayo+ iti:“Nzokwigina, nzotanga Shekemu bwa mugabane+;Kandi ikiyaya co hasi ca Sukoti nzokigera+.   Gileyadi ni rwanje na Manase ni rwanje+,Efurayimu na yo ni iboma ry’umukuru wanje;Yuda ni inkoni yanje ya kizigenza+.   Mowabu ni inkono yanje yo gukarabiramwo+.Nzoterera inkweto* yanje kuri Edomu+.Nzokwiha akaruru k’intsinzi kuri Filisitiya+.”   Ni nde azonzana ku gisagara cugarijwe+?Ni nde koko azonyobora akanshikana i Edomu+? 10  Mbega si wewe ga Mana, wewe wadushibuye+,Wewe utajana n’ingabo zacu bwa Mana+? 11  Nudutabare amarushwa+,Kuko ubukiriro butangwa n’umuntu yakuwe mw’ivu butagira akamaro+. 12  Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+,Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “isandali.”