Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 6:1-10

Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya kuri ogitave yo hasi+. Agahibongozo ka Dawidi. 6  Ewe Yehova, ntunkangīre mw’ishavu ryawe+,Kandi ntunkosore mu bushangashirwe bwawe+.   Ngirira ubutoni, Yehova we, kuko ndiko ndayama+.Nkiza+, Yehova we, kuko amagufa yanje adurumbanye.   Egome, umutima wanje uradurumbanye cane rwose+;Ariko nawe ga Yehova, uzogeza ryari+?   Garuka+, Yehova we, ntabara+;Nkiza kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.   Kuko mu rupfu utavugwa+;Mu kuzimu* ni nde azoguhaya+?   Ndarambiwe n’ukuniha kwanje+;Ijoro ryose ndara ndajobeka uburiri bwanje+;Ubusaswa bwanje ndabudengereza amosozi+.   Ijisho ryanje ricitse goyigoyi kubera umwikomo+,Rirashaje kubera abo bose banyanka+.   Mva iruhande, mwese abaza barakora ibintu bibabaza+,Kuko Yehova atazobura kwumva ijwi ry’ukurira kwanje+.   Yehova azokwumva koko ugusaba ubutoni kwanje+;Yehova ubwiwe azokwemera isengesho ryanje+. 10  Abansi banje bose bazomaramara+ kandi badurumbane cane rwose;Bazosubira inyuma; bazomaramara nk’aka kanya+.

Amakuru yiyongereye

Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.