Zaburi 58:1-11
Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu.
58 Mbega mu gacerere kanyu mwovuga koko ivy’ubugororotsi+?Mbega mwoca urubanza mu kugororoka, ga yemwe bana b’abantu+?
2 Ahubwo riho, ese ingene mukorana umutima wanyu ibitagororotse vyeruye mw’isi+,Mugategurira inzira ubukazi bw’amaboko yanyu+!
3 Ababisha bagoramye kuva bakiri mu gitereko+;Bayerereye kuva bakiri mu nda;Bavuga ibinyoma+.
4 Ubwayi bwabo ni nk’ubwayi bw’inzoka+,Bakaba ibipfamatwi nk’imvuvyi yiziba ugutwi+,
5 Itumviriza ijwi ry’abagosi+,Naho umuntu w’inkerebutsi ayibohesha imitongero+.
6 Ewe Mana, nubahongore amenyo mu kanwa kabo+.Numenagure imibangabanga y’intambwe z’imikangara z’imigāra, ewe Yehova!
7 Nibayonge nk’abaguye mu mazi yigira+;Nafore umuheto ku bw’imyampi yiwe, mu gihe na bo binaga+.
8 Nk’igifyera kiriko kirashonga, ni ko agenda;Nk’inda y’umugore ikorotse, ntibazogenda babonye izuba+.
9 Imbere y’uko inkono zanyu zumva umubambangwe ucanywe+,Umubambangwe mubisi be n’uwaka, azoyivumbura nk’umuyaga w’ikirura+.
10 Umugororotsi azonezerwa kuko abonye uguhōra+.Intambuko ziwe azozuhagira mu maraso y’umubisha+.
11 Kandi abantu bazovuga+ bati: “Ni ukuri, haraba ivyamwa ku mugororotsi+.Ni ukuri, hariho Imana ica imanza mw’isi+.”