Zaburi 57:1-11
Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe yahunga kubera Sauli, akaja mw’isenga+.
57 Ngirira ubutoni, ewe Mana, ngirira ubutoni+,Kuko muri wewe ari ho mpungiye+;Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungiye gushika amarushwa arenganye+.
2 Mpamagara Imana Musumbavyose, ya Mana y’ukuri iyarangiza ku bwanje+.
3 Izotuma iri mw’ijuru, inkize+.Ntizobura kuvurunganya uwurondera kunsūmira n’umunwa+. Sela.Imana izotuma ubuntu bwuzuye urukundo bwayo be n’ukuri kwayo+.
4 Ubuzima bwanje buri hagati y’intambwe+;Nta kundi ndi bugire atari ukuryama mu birotsanyi, abana b’abantu,Amenyo yabo akaba ari amacumu n’imyampi+,Ururimi rwabo na rwo rukaba ari inkota ikarishe+.
5 Yoo! nushirwe hejuru y’amajuru, ewe Mana+;Ubuninahazwa bwawe nibube hejuru y’isi yose+.
6 Bateguriye urusenga intambuko zanje+;Umutima wanje wajondamye+.Bimvye icobo c’umutego imbere yanje;Baguye hagati muri co+. Sela.
7 Umutima wanje urahamye, ewe Mana+,Umutima wanje urahamye.Nzoririmba, mpibongoze+.
8 Ikangure, ewe buninahazwa bwanje+!Ikangure, ewe gicurarangisho c’imirya; na wewe nyene, ewe nanga+!Nzokangura umutwenzi.
9 Nzoguhaya mu bisata vy’abantu, Yehova we+!Nzoguhibongoreza mu miryango y’amahanga+.
10 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi gushika mu majuru+,Ukuri kwawe na kwo gushika mu birere+.
11 Nushirwe hejuru y’amajuru, ewe Mana+!Ubuninahazwa bwawe nibube hejuru y’isi yose.