Zaburi 56:1-13
Ku muyobozi, ku Numa yihoreye mu ba kure. Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe Abafilisitiya bamucakirira i Gati+.
56 Ngirira ubutoni, Mana, kuko umuntu buntu yarondeye kunsūmira n’umunwa+.Ararwana bukarinda bwira, akaguma ampahaza+.
2 Abansi banje bagumye barondera kunsūmira n’umunwa burinda bwira+,Kuko hari benshi bandwanya bihambaza+.
3 Umusi nzotinya, jeho ni wewe nzokwizigira+.
4 Nzoshemeza ijambo ry’Imana nunze ubumwe na yo+.Mu Mana ni ho nashize ivyizigiro vyanje; sinzotinya+.Umuntu buntu* yongira iki+?
5 Baguma bagirira nabi ivyanje bukarinda bwira;Ivyiyumviro vyabo vyose ni ivyo kungirira nabi+.
6 Baratera, barihisha+,Bobo baguma bitegereza intambuko zanje+,Barindiriye ubuzima bwanje+.
7 Kubera ibibabaza bakora, nubashibure+.Numanure ibisata vy’abantu washavuye, ewe Mana+!
8 Ivy’ukuba impunzi kwanje wewe ubwawe warabivuze+.Nushire amosozi yanje mu mukuza wawe w’urushato+.Mbega ntari mu gitabu cawe+?
9 Ico gihe abansi banje bazosubira inyuma, ku musi nzohamagara+;Ibi ndabizi neza, yuko Imana iri ku ruhande rwanje+.
10 Nzoshemeza ijambo ry’Imana nunze ubumwe na yo+;Nzoshemeza ijambo rya Yehova nunze ubumwe na we+.
11 Mu Mana ni ho nashize ivyizigiro vyanje. Sinzotinya+.None umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki+?
12 Ewe Mana, kuri jewe hari indagano nakuraganiye+.Nzoguserurira ugukenguruka+.
13 Kuko warokoye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+—Mbega ntiwarokoye ikirenge canje ukakirinda gutsitara+?—Kugira ngo ngendagende imbere y’Imana mu muco w’abazima+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “umubiri.”