Zaburi 56:1-13

Ku muyobozi, ku Numa yihoreye mu ba kure. Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe Abafilisitiya bamucakirira i Gati+. 56  Ngirira ubutoni, Mana, kuko umuntu buntu yarondeye kunsūmira n’umunwa+.Ararwana bukarinda bwira, akaguma ampahaza+.   Abansi banje bagumye barondera kunsūmira n’umunwa burinda bwira+,Kuko hari benshi bandwanya bihambaza+.   Umusi nzotinya, jeho ni wewe nzokwizigira+.   Nzoshemeza ijambo ry’Imana nunze ubumwe na yo+.Mu Mana ni ho nashize ivyizigiro vyanje; sinzotinya+.Umuntu buntu* yongira iki+?   Baguma bagirira nabi ivyanje bukarinda bwira;Ivyiyumviro vyabo vyose ni ivyo kungirira nabi+.   Baratera, barihisha+,Bobo baguma bitegereza intambuko zanje+,Barindiriye ubuzima bwanje+.   Kubera ibibabaza bakora, nubashibure+.Numanure ibisata vy’abantu washavuye, ewe Mana+!   Ivy’ukuba impunzi kwanje wewe ubwawe warabivuze+.Nushire amosozi yanje mu mukuza wawe w’urushato+.Mbega ntari mu gitabu cawe+?   Ico gihe abansi banje bazosubira inyuma, ku musi nzohamagara+;Ibi ndabizi neza, yuko Imana iri ku ruhande rwanje+. 10  Nzoshemeza ijambo ry’Imana nunze ubumwe na yo+;Nzoshemeza ijambo rya Yehova nunze ubumwe na we+. 11  Mu Mana ni ho nashize ivyizigiro vyanje. Sinzotinya+.None umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki+? 12  Ewe Mana, kuri jewe hari indagano nakuraganiye+.Nzoguserurira ugukenguruka+. 13  Kuko warokoye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+Mbega ntiwarokoye ikirenge canje ukakirinda gutsitara+?—Kugira ngo ngendagende imbere y’Imana mu muco w’abazima+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “umubiri.”