Zaburi 55:1-23
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Masikili. Ni izaburi ya Dawidi.
55 Ewe Mana, tega ugutwi isengesho ryanje+;Ntiwinyegeze ngo ntiwumve ugusaba ubutoni kwanje+.
2 Nyumviriza, unyishure+.Nembembeshwa n’amaganya yanje+,Nkicwa n’ukudurumbana,
3 Kubera ijwi ry’umwansi, kubera umukazo uterwa n’umubisha+.Kuko baguma bantibagurirako ibintu bibabaza+,Bakambikira akazikira bashavuye+.
4 Umutima wanje uri mu mubabaro ukaze muri jewe+,Kandi uguca ivutu kw’urupfu kunguyeko+.
5 Ubwoba, egome, ukujugumira kunyinjiramwo+,Uguhinda agashitsi na kwo kukampfuka.
6 Nguma mvuga nti: “Ese iyo mba mfise amababa nk’inuma+!Nogurukiye kure nkiberayo+.
7 Ehe! Nokwomokeye kure+;Nokwibereye mu gahinga+.—Sela—
8 Nokwihuse nja ahantu mpungiraNkikinga umuyaga w’ikivumbuzi, nkikinga igihuhusi+.”
9 Nubavurunganye, Yehova we, utume batavuga rumwe+,Kuko mbonye ubukazi n’ibihari mu gisagara+.
10 Umurango n’ijoro barakizunguruka ku mpome zaco+;Kandi ibibabaza be n’ivyago bibarizwa muri co+.
11 Amarushwa abarizwa muri co;Kandi agahahazo n’ubuhendanyi ntivyavuye mu kibanza caho ca bose+.
12 Kuko atari umwansi yansize iceyi+;Ahandiho nari kuvyihanganira.Uwunyanka bikaze si we yanyirīyeko+;Ahandiho nari kumwihisha+.
13 Ariko ni wewe, umuntu buntu yari nk’uwo tungana+,Uwo dusanganywe kandi tuzinanyi+,
14 Kuko twahora twinovorera hamwe ubugenzi somambike busosa+;Twahora tujana n’ikinja ry’abantu mu nzu y’Imana+.
15 Ugucika umusaka nikube kuri bo+!Nibamanuke mu kuzimu babona+;Kuko igihe bari babayeho ari ba kavamahanga, muri bo hari ibintu bibi+.
16 Nayo jewe, nzosemerera ntakambira Imana+;Kandi Yehova ubwiwe azonkiza+.
17 Umugoroba n’igitondo n’umutaga nicwa n’amaganya kandi nkanihagira+,Na we akumva ijwi ryanje+.
18 Ntazobura gucungura ubuzima bwanje akabushira mu mahoro, akabukiza indwano yo kundwanya+,Kuko abandwanya babaye indiri+.
19 Imana izokwumva, ibishure+,Umwe avyagiye nka kera+—Sela—Bamwe batagira amahinduka+Kandi batatinye Imana+.
20 Yatumye amaboko ngo agirire nabi ababanye na we amahoro+;Yahumanije isezerano ryiwe+.
21 Amajambo y’akanwa kiwe aremvye kuruta amasoro+,Mugabo umutima wiwe uguma urondera indwano+.Amajambo yiwe yoroshe kuruta amavuta+,Mugabo ni inkota zisokoye+.
22 Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe+,Na we ubwiwe azogushigikira+.Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga+.
23 Ariko wewe, ewe Mana, uzobamanukana mu cobo cimbitse kuruta ibindi+.Nayo abagīrwa n’amaraso kandi b’abahendanyi, ntibazobaho n’ica kabiri c’imisi yabo+.Ariko jewe, nzokwizigira wewe+.