Zaburi 53:1-6
Ku muyobozi, kuri Mahalati+. Masikili. Ni izaburi ya Dawidi.
53 Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo:“Yehova nta wuriho+.”Barikwegeye guhona, bakoze ibiteye ishishi mu kutagororoka+;Nta n’umwe ariho akora iciza+.
2 Nayo Imana, yaravye hasi iri mw’ijuru, iraba abana b’abantu+,Ngo irabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+.
3 Bose barasubiye inyuma, bose ni cokimwe barononekaye+;Nta n’umwe ariho akora iciza+,Habe n’umwe.
4 Mbega nta n’umwe mu bakora ibintu bibabaza yaronse ubumenyi+,Ko barotsa abantu banje nk’uko bariye umukate+?Ntibarushe bambaza Yehova+.
5 Aho nyene baratekewe n’ubwoba bwinshi+,Ahantu ata bwoba bwari buhari+;Kuko Imana ubwayo itazobura gusanzaza amagufa y’uwo wese akambitse ngo agutere+.Ntuzobura kubamaramaza, kuko Yehova ubwiwe yabataye nk’akanuka+.
6 Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro buhambaye bwa Isirayeli+!Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.