Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 52:1-9

Ku muyobozi. Masikili. Ni izaburi ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaza agatangura kubwira Sauli yuko Dawidi yari yaje ku nzu ya Ahimeleki+. 52  Kubera iki wiratira ibibi, ga yewe munyenkomezi+?Ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana bwirizako umusi wose+.   Amarushwa ni yo mugambi ururimi rwawe rutegura, rukarihije nk’urumosho+,Rugakorana ubuhendanyi+.   Wakunze ikibi kuruta iciza+,Ibinyoma kuruta ukuvuga ivy’ubugororotsi+. Sela.   Wakunze amajambo arotsa yose+,Ewe wa rurimi rw’uruhendanyi+!   Imana ubwayo na yo izogusiturira hasi ku bw’ibihe bidahera+;Izogucinya hasi, igushikure mw’ihema ryawe+,Kandi ntizobura kukurandura mu gihugu c’abazima+. Sela.   Kandi abagororotsi bazobibona batinye+,Bamutwenge+.   Ng’uyu umuntu w’umugabo atagira Imana iboma ryiwe+,Mugabo akizigira ubwinshi bw’ubutunzi bwiwe+,Akugama mu marushwa ateza+.   Mugabo jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye+ mu nzu y’Imana;Ndizigiye koko ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.   Nzoguhaya gushika igihe kitagira urugero, kuko wagize ico ukoze+;Kandi nzokwizigira izina ryawe, kuko ari vyiza, imbere y’intahemuka zawe+.

Amakuru yiyongereye