Zaburi 51:1-19

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Igihe Natani umuhanuzi yinjira iwe inyuma y’aho aryamaniye na Bati-sheba+. 51  Ngirira ubutoni, ewe Mana, nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+.Nuhanagure ibigabitanyo vyanje nk’uko ubwinshi bw’imbabazi zawe buri+.   Nunyoze rwose unkureko ikosa ryanje+,Umpumanure igicumuro canje+.   Kuko ibigabitanyo vyanje jewe ndabizi+,Kandi igicumuro canje cama imbere yanje+.   Ni wewe nacumuyeko, wewe wenyene+,Kandi nakoze ibibi mu maso yawe+,Kugira ngo uboneke ko ugororotse igihe uvuga+,Kugira ngo uboneke ko wera igihe uca urubanza+.   Raba! Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka+,Kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro+.   Raba! Wahimbawe n’ukuri imbere mu muntu+;Kandi imbere muri jewe, umenyeshe ubukerebutsi+.   Ese wontyorora igicumuro ukoresheje ezobu, nkaba uwudahumanye+;Ese wonyoza, nkera mbere kurusha shelegi*+.   Ese wonyumvisha ijwi ry’umwigino n’umunezero+,Kugira ngo amagufa wajanjaguye agire akanyamuneza+.   Hisha mu maso hawe ibicumuro vyanje+,Uhanagure mbere amakosa yanje yose+. 10  Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana+,Ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye+. 11  Ntunshibure ngo mve imbere y’amaso yawe+;Kandi impwemu nyeranda yawe, yoo! ntuyinkureko+! 12  Nunsubize umwigino w’ubukiriro bwawe+,Kandi unshigikize umutima ukunze+. 13  Nzokwigisha inzira zawe abagabitanya+,Kugira ngo abacumuzi bagaruke koko kuri wewe+. 14  Nundokore unkize ukwagirwa n’amaraso+, ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+,Kugira ngo ururimi rwanje ruvugane umunezero ubugororotsi bwawe+. 15  Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje+,Kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe+. 16  Kuko udahimbarwa n’ikimazi, ahandiho nari kugitanga+;Ntuhimbarwa n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+. 17  Ibimazi bihabwa Imana ni umutima umenaguritse+;Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura+. 18  Mu butoni bwawe, girira neza Siyoni+;Ese wokwubaka impome za Yeruzalemu+. 19  Ni ho uzohimbarwa n’ibimazi vy’ubugororotsi+,N’ikimazi giturirwa, be n’ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+;Ni ho amashūri azoshikanirwa ku gicaniro cawe+.

Utujambo tw'epfo

“Shelegi” ni ibintu vyera cane vy’ibivunjivunji bigwa nk’imvura.