Zaburi 51:1-19
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Igihe Natani umuhanuzi yinjira iwe inyuma y’aho aryamaniye na Bati-sheba+.
51 Ngirira ubutoni, ewe Mana, nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+.Nuhanagure ibigabitanyo vyanje nk’uko ubwinshi bw’imbabazi zawe buri+.
2 Nunyoze rwose unkureko ikosa ryanje+,Umpumanure igicumuro canje+.
3 Kuko ibigabitanyo vyanje jewe ndabizi+,Kandi igicumuro canje cama imbere yanje+.
4 Ni wewe nacumuyeko, wewe wenyene+,Kandi nakoze ibibi mu maso yawe+,Kugira ngo uboneke ko ugororotse igihe uvuga+,Kugira ngo uboneke ko wera igihe uca urubanza+.
5 Raba! Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka+,Kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro+.
6 Raba! Wahimbawe n’ukuri imbere mu muntu+;Kandi imbere muri jewe, umenyeshe ubukerebutsi+.
7 Ese wontyorora igicumuro ukoresheje ezobu, nkaba uwudahumanye+;Ese wonyoza, nkera mbere kurusha shelegi*+.
8 Ese wonyumvisha ijwi ry’umwigino n’umunezero+,Kugira ngo amagufa wajanjaguye agire akanyamuneza+.
9 Hisha mu maso hawe ibicumuro vyanje+,Uhanagure mbere amakosa yanje yose+.
10 Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana+,Ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye+.
11 Ntunshibure ngo mve imbere y’amaso yawe+;Kandi impwemu nyeranda yawe, yoo! ntuyinkureko+!
12 Nunsubize umwigino w’ubukiriro bwawe+,Kandi unshigikize umutima ukunze+.
13 Nzokwigisha inzira zawe abagabitanya+,Kugira ngo abacumuzi bagaruke koko kuri wewe+.
14 Nundokore unkize ukwagirwa n’amaraso+, ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+,Kugira ngo ururimi rwanje ruvugane umunezero ubugororotsi bwawe+.
15 Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje+,Kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe+.
16 Kuko udahimbarwa n’ikimazi, ahandiho nari kugitanga+;Ntuhimbarwa n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+.
17 Ibimazi bihabwa Imana ni umutima umenaguritse+;Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura+.
18 Mu butoni bwawe, girira neza Siyoni+;Ese wokwubaka impome za Yeruzalemu+.
19 Ni ho uzohimbarwa n’ibimazi vy’ubugororotsi+,N’ikimazi giturirwa, be n’ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+;Ni ho amashūri azoshikanirwa ku gicaniro cawe+.
Utujambo tw'epfo
^ “Shelegi” ni ibintu vyera cane vy’ibivunjivunji bigwa nk’imvura.