Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 50:1-23

Agahibongozo ka Asafu+. 50  Nyenubumana+, Imana, Yehova+, ubwiwe aravuze+,Atangura guhamagara isi+,Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+.   Imana ubwayo yasayanganye+ iri i Siyoni, bwa bwiza butagira akanenge+.   Imana yacu izoza, kandi ntiyoshobora kuguma icereje+.Imbere yayo umuriro urarigata+,Kandi irya n’ino yayo hose habaye ikirura gikaze bihebuje+.   Ihamagara amajuru hejuru be n’isi+Kugira ngo ishitse urubanza ku bantu bayo+:   “Koranirize kuri jewe intahemuka zanje+,Barya bapfundika isezerano ryanje biciye ku bimazi+.”   Amajuru ayaga ubugororotsi bwayo+,Kuko Imana ubwayo ari Umucamanza+. Sela.   “Umvirize, bantu banje, ngira mvuge+,Ewe Isirayeli, ngira nshinge intahe ikwagiriza+.Ndi Imana, Imana yawe+.   Singukangira ku vyerekeye ibimazi vyawe+Canke amashikanwa yawe aturirwa yama imbere yanje+.   Nta shūri nzotora mu nzu yawe+,Canke amasuguru y’impene mu mpongore zawe. 10  Kuko igikoko cose co mu kibira ari rwanje+,Ibikoko vyo ku misozi igihumbi+. 11  Ndazi neza ikiremwa c’amababa cose co mu misozi+,Kandi amasinzi y’ibikoko vyo mu gahinga ari kumwe nanje+. 12  Hamwe noba nshonje, sinobikubwira;Kuko ubutaka bwimbuka+ n’ibibwuzuye ari rwanje+. 13  Mbega ndye inyama z’amashūri y’amanyabubasha+?Mbega nywe amaraso y’amasuguru y’impene+? 14  Shikanira Imana ugukenguruka bwa bimazi vyawe+,Kandi ushitse indagano zawe kuri Musumbavyose+; 15  Numpamagare ku musi w’amarushwa+.Nzogutabara, nawe uzoninahaza+.” 16  Mugabo umubisha, Imana ntizobura kumubwira+ iti:“Ni uburenganzira ki ufise bwo kudondagura ingingo nyobozi zanje+,Ngo utware isezerano ryanje mu kanwa kawe+? 17  Erega wewe, waranse indero+,Kandi uguma uterera amajambo yanje inyuma yawe+. 18  Igihe cose ubonye igisuma, warahimbarwa na co+;Kandi wasangira n’abarenga ibigo+. 19  Akanwa kawe warakarekuye ngo kivugire ibibi+,Kandi ururimi rwawe uguma urufatanije n’ubuhendanyi+. 20  Uricara ukavuga nabi mwene wanyu+,Ukandagaza akanenge ka mwene nyoko+. 21  Ivyo bintu warabikoze, nanje nguma nicerereje+.Wiyumviriye yuko ntobuze kumera nkawe+.Ngira ndagukangire+, kandi nzoshira ibintu mu buryo mu maso yawe+. 22  Enda nimubitahure, mwebwe abibagira Imana+,Sindabatabagure ata wuri bubarokore+. 23  Uwushikana ugukenguruka bwa kimazi ciwe ni we aninahaza+;Nayo uwugumya inzira yashinzwe,Nzomuha kubona ubukiriro Imana itanga+.”

Amakuru yiyongereye