Zaburi 49:1-20
Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora+. Agahibongozo.
49 Nimwumve ibi, yemwe bisata vy’abantu mwese!Tege ugutwi, yemwe ababayeho muri iki gihe* mwese+,
2 Yemwe bantu mwese*,Wewe mutunzi nawe mworo, mwese hamwe+!
3 Akanwa kanje kazovuga ibintu vy’ubukerebutsi+,Kandi ukuzirikana kw’umutima wanje kuzoba ku bintu vy’ugutegera+.
4 Nzotega ugutwi ijambo ry’akagani+;Nzohishurira agapfindo kanje ku nanga+.
5 Kubera iki notinya mu misi y’ikibi+,Igihe ikosa ry’abagomba kuntembagaza rinkikuje+?
6 Abizigira ibibabeshaho+,Bakaguma biratira ubwinshi bw’ubutunzi bwabo+,
7 Nta n’umwe muri bo ashobora na gato gucungura mwene wabo+,Canke ngo amutangire incungu* ku Mana;
8 (Kandi ikiguzi c’icungurwa ry’ubuzima bwabo ni ic’agaciro cane+Ku buryo cabuze gushika igihe kitagira urugero)
9 Kugira ngo abandanye kubaho ibihe bidahera, ntabone icobo+.
10 Kuko abona yuko n’abantu b’inkerebutsi bapfa+,Imburabwenge n’abatiyumvira bakayogerera hamwe+,Ibibabeshaho bagategerezwa kubisigira abandi+.
11 Mu mutima wabo ico bashaka ni uko amazu yabo yokwamaho gushika igihe kitagira urugero+,Amataberenakulo yabo akamaho iyaruka ku rindi+.Amatongo yabo bayitiriye amazina yabo+.
12 Yamara umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, ntashobora kugumaho+;Vy’ukuri, yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+.
13 Iyo ni yo nzira y’abari n’ubujuju+,Be n’ababakurikira bahimbarwa n’amajambo y’akanwa kabo. Sela.
14 Bagenewe ukuzimu nk’intama+;Urupfu ni rwo ruzobaragira+;Abagororotse bazobaganza mu gitondo+,Kandi imibiri yabo izobwirizwa gusanguka+;Umwe wese agenewe ukuzimu, aho kugenerwa uburaro buhanitse+.
15 Ariko Imana ubwayo izoncungura mu vyara vy’ukuzimu+,Kuko izonyakīra. Sela.
16 Ntutinye ngo ni uko umuntu aronse ubutunzi+,Ngo ni uko ubuninahazwa bw’inzu yiwe bwongerekanye+,
17 Kuko iyo apfuye ata na kimwe ashobora kujana+;Ubuninahazwa bwiwe ntibuzomanukana na we+.
18 Kuko akiriho yaguma ahezagira ubuzima bwiwe+;(Kandi abantu bazoguhaya kubera ko umerewe neza+)
19 Ubuzima bwiwe amaherezo bugarukira gusa kw’iyaruka rya ba sekuruza+.Ntibazokwongera kubona umuco+.
20 Umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, mugabo adatahura+,Vy’ukuri yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “bana b’ubwoko-muntu namwe bana b’umuntu.”
^ Raba Inyongera ya 21.