Zaburi 49:1-20

Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora+. Agahibongozo. 49  Nimwumve ibi, yemwe bisata vy’abantu mwese!Tege ugutwi, yemwe ababayeho muri iki gihe* mwese+,   Yemwe bantu mwese*,Wewe mutunzi nawe mworo, mwese hamwe+!   Akanwa kanje kazovuga ibintu vy’ubukerebutsi+,Kandi ukuzirikana kw’umutima wanje kuzoba ku bintu vy’ugutegera+.   Nzotega ugutwi ijambo ry’akagani+;Nzohishurira agapfindo kanje ku nanga+.   Kubera iki notinya mu misi y’ikibi+,Igihe ikosa ry’abagomba kuntembagaza rinkikuje+?   Abizigira ibibabeshaho+,Bakaguma biratira ubwinshi bw’ubutunzi bwabo+,   Nta n’umwe muri bo ashobora na gato gucungura mwene wabo+,Canke ngo amutangire incungu* ku Mana;   (Kandi ikiguzi c’icungurwa ry’ubuzima bwabo ni ic’agaciro cane+Ku buryo cabuze gushika igihe kitagira urugero)   Kugira ngo abandanye kubaho ibihe bidahera, ntabone icobo+. 10  Kuko abona yuko n’abantu b’inkerebutsi bapfa+,Imburabwenge n’abatiyumvira bakayogerera hamwe+,Ibibabeshaho bagategerezwa kubisigira abandi+. 11  Mu mutima wabo ico bashaka ni uko amazu yabo yokwamaho gushika igihe kitagira urugero+,Amataberenakulo yabo akamaho iyaruka ku rindi+.Amatongo yabo bayitiriye amazina yabo+. 12  Yamara umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, ntashobora kugumaho+;Vy’ukuri, yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+. 13  Iyo ni yo nzira y’abari n’ubujuju+,Be n’ababakurikira bahimbarwa n’amajambo y’akanwa kabo. Sela. 14  Bagenewe ukuzimu nk’intama+;Urupfu ni rwo ruzobaragira+;Abagororotse bazobaganza mu gitondo+,Kandi imibiri yabo izobwirizwa gusanguka+;Umwe wese agenewe ukuzimu, aho kugenerwa uburaro buhanitse+. 15  Ariko Imana ubwayo izoncungura mu vyara vy’ukuzimu+,Kuko izonyakīra. Sela. 16  Ntutinye ngo ni uko umuntu aronse ubutunzi+,Ngo ni uko ubuninahazwa bw’inzu yiwe bwongerekanye+, 17  Kuko iyo apfuye ata na kimwe ashobora kujana+;Ubuninahazwa bwiwe ntibuzomanukana na we+. 18  Kuko akiriho yaguma ahezagira ubuzima bwiwe+;(Kandi abantu bazoguhaya kubera ko umerewe neza+) 19  Ubuzima bwiwe amaherezo bugarukira gusa kw’iyaruka rya ba sekuruza+.Ntibazokwongera kubona umuco+. 20  Umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, mugabo adatahura+,Vy’ukuri yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “bana b’ubwoko-muntu namwe bana b’umuntu.”
Raba Inyongera ya 21.