Zaburi 48:1-14
Ururirimbo. Agahibongozo ka bene Kora+.
48 Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa cane+Mu gisagara c’Imana yacu+, ku musozi wayo mweranda+.
2 Umusozi Siyoni ku mpande za kure zo mu buraruko+Ni mwiza mu bukiruruke, ukaba n’umwigino w’isi yose+,Igisagara c’Umwami w’Agahambaye+.
3 Mu minara yawo yo kubamwo, Imana imenyekanye ko ari ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi+.
4 Kuko, ehe abami ubwabo bahuye kw’isango+,Barenganye bari kumwe+.
5 Baravyiboneye, barumirwa.Barahagaritse umutima, bagenda biruka bataye umutwe+.
6 Ukujugumira kwarabahacakiriye+,Imisonga y’ukwibaruka nk’iy’umugore ariko yibaruka+.
7 Usavya imeri z’i Tarushishi ukoresheje umuyaga wo mu buseruko+.
8 Nk’uko nyene twavyumvise, ni ko tubibonye+Mu gisagara ca Yehova nyen’ingabo, mu gisagara c’Imana yacu+.Imana ubwayo izogishimangira gushika igihe kitagira urugero+. Sela.
9 Twarazirikanye, ewe Mana, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+Hagati mu rusengero rwawe+.
10 Nk’uko izina ryawe riri+, ewe Mana, n’ishemezo ryawe ni ukwo,Rishika ku mipaka y’isi.Ukuryo kwawe kwuzuye ubugororotsi+.
11 Umusozi Siyoni+ nuhimbarwe,Ibisagara bikukira Yuda nibinezerwe+, kubera ingingo zawe z’ubutungane+.
12 Nimuzunguruke Siyoni, mugendagende irya n’ino yaho+,Muharure iminara yaho+.
13 Shire imitima yanyu ku gikuta caho+.Mugendure iminara yaho yo kubamwo,Kugira ngo muze mubidondere iyaruka ryo muri kazoza+.
14 Kuko iyi Mana ari yo Mana yacu gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.Ni yo izoturongōra gushika dupfe+.