Zaburi 48:1-14

Ururirimbo. Agahibongozo ka bene Kora+. 48  Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa cane+Mu gisagara c’Imana yacu+, ku musozi wayo mweranda+.   Umusozi Siyoni ku mpande za kure zo mu buraruko+Ni mwiza mu bukiruruke, ukaba n’umwigino w’isi yose+,Igisagara c’Umwami w’Agahambaye+.   Mu minara yawo yo kubamwo, Imana imenyekanye ko ari ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi+.   Kuko, ehe abami ubwabo bahuye kw’isango+,Barenganye bari kumwe+.   Baravyiboneye, barumirwa.Barahagaritse umutima, bagenda biruka bataye umutwe+.   Ukujugumira kwarabahacakiriye+,Imisonga y’ukwibaruka nk’iy’umugore ariko yibaruka+.   Usavya imeri z’i Tarushishi ukoresheje umuyaga wo mu buseruko+.   Nk’uko nyene twavyumvise, ni ko tubibonye+Mu gisagara ca Yehova nyen’ingabo, mu gisagara c’Imana yacu+.Imana ubwayo izogishimangira gushika igihe kitagira urugero+. Sela.   Twarazirikanye, ewe Mana, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+Hagati mu rusengero rwawe+. 10  Nk’uko izina ryawe riri+, ewe Mana, n’ishemezo ryawe ni ukwo,Rishika ku mipaka y’isi.Ukuryo kwawe kwuzuye ubugororotsi+. 11  Umusozi Siyoni+ nuhimbarwe,Ibisagara bikukira Yuda nibinezerwe+, kubera ingingo zawe z’ubutungane+. 12  Nimuzunguruke Siyoni, mugendagende irya n’ino yaho+,Muharure iminara yaho+. 13  Shire imitima yanyu ku gikuta caho+.Mugendure iminara yaho yo kubamwo,Kugira ngo muze mubidondere iyaruka ryo muri kazoza+. 14  Kuko iyi Mana ari yo Mana yacu gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.Ni yo izoturongōra gushika dupfe+.

Amakuru yiyongereye