Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 47:1-9

Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora. Agahibongozo. 47  Yemwe bisata vy’abantu mwese, nimukome amashi+.Nimukomere Imana akaruru k’intsinzi, hariko n’ijwi ry’akamo k’umunezero+.   Kuko Yehova, we Musumbavyose, ateye ubwoba+,Akaba ari Umwami akomeye agaba isi yose+.   Azomara igabo ibisata vy’abantu munsi yacu+,N’imiryango y’amahanga munsi y’ibirenge vyacu+.   Azoduhitiramwo intoranwa yacu+,Ivyishimo vya Yakobo, uwo yakunze+. Sela.   Imana yaduze n’akaruru k’umunezero+,Yehova yaduze n’ijwi ry’inzamba+.   Hibongoreze Imana, hibongoze+!Hibongoreze Umwami wacu, hibongoze!   Kuko Imana ari Umwami w’isi yose+;Hibongoze, mukorana ukwiyubara+.   Imana icitse umwami ku mahanga+.Imana ubwayo ifashe icicaro ku ntebe y’ubwami yayo nyeranda+.   Abanyacubahiro b’ibisata vy’abantu barakoranye+,Hamwe n’abantu b’Imana ya Aburahamu+.Kuko inkinzo z’isi ari iz’Imana+.Yaduze hejuru cane+.

Amakuru yiyongereye