Zaburi 45:1-17

Ku muyobozi, ku Malisi. Ni izaburi ya bene Kora. Masikili. Ururirimbo rw’abagore b’abakundwa. 45  Umutima wanje urabiragizwa n’ikintu ciza+.Mvuga nti: “Ibikorwa vyanje ni ivyerekeye umwami+.”Ururimi rwanje nirube agasáruzo+ k’umwimuzi w’umuhanga+.   Vy’ukuri, uri mwiza kuruta abana b’abantu+.Igikundiro casutswe ku minwa yawe+.Ni co gituma Imana yaguhezagiye gushika igihe kitagira urugero+.   Kenyera inkota yawe+ kw’itako, wa munyenkomezi we+,Ukenyeze iteka ryawe n’ubwiza bwawe bwakaka+.   Kandi mu bwiza bwawe bwakaka, bandanya ugana ku kuroranirwa+;Gendera kw’ifarasi yawe uburanire ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi+,Kandi ukuryo kwawe kuzokwigisha ibintu biteye ubwoba+.   Imyampi yawe irasongoye, munsi yawe ibisata vy’abantu bikaguma bitemba+,Ikinjira mu mutima w’abansi b’umwami+.   Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+;Agakoni k’ubutware k’ingoma yawe ni agakoni k’ukugororoka+.   Wakunze ubugororotsi+, ukaba wanka ububisha+.Ni co gituma Imana, Imana yawe+, yakurobanuje amavuta+ y’umwigino+ kuruta bagenzawe+.   Impuzu zawe zose ni imira* n’igiti c’umubazibazi n’umubagabaga+;Ibicurarangisho vy’imirya vyaguteye kunezerwa uri ku kirimba gihambaye gisharijwe n’amasenge+.   Abakobwa+ b’abami bari mu bagore bawe b’agaciro.Umugore w’iteka w’umwami+ ahagaze iruhande y’ukuryo kwawe yisakaye inzahabu z’i Ofiri+. 10  Umviriza, ewe mukobwa, ubone, kandi utege ugutwi;Niwibagire ab’iwanyu n’inzu ya so+. 11  Kandi umwami azocambirwa ubwiza bwawe+,Kuko ari umukama wawe+,Numwunamire rero+. 12  Umukobwa wa Tiro na we nyene ari n’ingabirano+ . . .Abatunzi bo mu bantu bazogutakambira*+. 13  Umukobwa w’umwami araninahaye rwose imbere mu nzu+;Ivyambarwa vyiwe biriko udutāko tw’inzahabu. 14  Azozanirwa umwami ari mu vyambarwa vy’ibijishano+.Abigeme b’isugi bamuherekeje, bakaba ari abagenzi biwe, binjijwe iwawe+. 15  Bazozananwa umunezero n’akanyamuneza;Bazokwinjira mu kirimba c’umwami. 16  Mu kibanza ca ba sogokuruza bawe+ hazoba abana bawe+,Abo uzogena kuba abaganwa mw’isi yose+. 17  Nzovuga izina ryawe mu mayaruka yose azoza+.Ni co gituma ibisata vy’abantu bizoguhaya gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “bazokworosha mu maso hawe.”