Zaburi 43:1-5

43  Ncira urubanza+, Mana we,Wifatire mu minwe urubanza mburana+ n’ihanga ritari intahemuka.Nunkize umuntu w’ubuhendanyi n’ukutagororoka+.   Kuko ari wewe Mana y’iboma ryanje+.Kubera iki wanshibuye?Kubera iki ngendagenda mbabaye bitewe n’agahahazo k’umwansi+?   Rungika umuco wawe n’ukuri kwawe+.Ivyo bibe ari vyo binyobora+.Nibinzane ku musozi wawe mweranda no kw’itaberenakulo* yawe ihambaye+.   Nanje nzoza ku gicaniro c’Imana+,Ku Mana, yo munezero wanje w’umwigino+.Kandi nzoguhaya ku nanga, ewe Mana, Mana yanje+.   Ewe mutima wanje, kubera iki wihebuye+?Kubera iki usebagirika muri jewe?Rindira Imana+,Kuko nzoshishikara kuyihaya ko ari yo bukiriro bwanje buhambaye, ko ari yo Mana yanje+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.