Zaburi 43:1-5
43 Ncira urubanza+, Mana we,Wifatire mu minwe urubanza mburana+ n’ihanga ritari intahemuka.Nunkize umuntu w’ubuhendanyi n’ukutagororoka+.
2 Kuko ari wewe Mana y’iboma ryanje+.Kubera iki wanshibuye?Kubera iki ngendagenda mbabaye bitewe n’agahahazo k’umwansi+?
3 Rungika umuco wawe n’ukuri kwawe+.Ivyo bibe ari vyo binyobora+.Nibinzane ku musozi wawe mweranda no kw’itaberenakulo* yawe ihambaye+.
4 Nanje nzoza ku gicaniro c’Imana+,Ku Mana, yo munezero wanje w’umwigino+.Kandi nzoguhaya ku nanga, ewe Mana, Mana yanje+.
5 Ewe mutima wanje, kubera iki wihebuye+?Kubera iki usebagirika muri jewe?Rindira Imana+,Kuko nzoshishikara kuyihaya ko ari yo bukiriro bwanje buhambaye, ko ari yo Mana yanje+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.