Zaburi 42:1-11
Ku muyobozi. Masikili ku bwa bene Kora+.
42 Nk’uko impongokazi yipfuza cane imigezi y’amazi,Ni ko umutima wanje ukwipfuza cane, Mana we+!
2 Umutima wanje uranyotewe Imana+, uranyotewe Imana nzima+.Nzoza ryari ngo nseruke imbere y’Imana+?
3 Amosozi yanje ambereye ibifungurwa umurango n’ijoro+,Na bo bukarinda bwira bambwira ngo: “Imana yawe iri hehe+?”
4 Ibi nzovyibuka, nsuke umutima wanje imbere muri jewe+.Kuko nahora ndengana ndi kumwe n’ikinja,Nahora ngendera imbere yabo buhorobuhoro nja ku nzu y’Imana+,N’ijwi ry’akamo k’umunezero n’ugukenguruka+,Ry’isinzi rihimbaza umusi mukuru+.
5 Ewe mutima wanje, kubera iki wihebuye+?Kubera iki usebagirika muri jewe+?Rindira Imana+,Kuko nzoshishikara kuyihaya ko ari yo bukiriro bwanje buhambaye+.
6 Ewe Mana yanje, muri jewe umutima wanje wihebuye+.Ni co gituma nkwibuka+,Nkakwibuka ndi mu gihugu ca Yorodani no ku masonga ya Herumoni+,Ndi kuri wa musozi mutoyi+.
7 Inyenga y’amazi ihamagara inyenga y’amaziIyo yumvise ijwi ry’imigende yawe y’amazi+.Imikuba isuriranya yawe yose be n’imipfunda yawe,Vyaciye hejuru yanje+.
8 Ku murango Yehova azotegeka ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+,Mw’ijoro na ho ururirimbo rwiwe ruzobana nanje+;Imana y’ubuzima bwanje izoturwa isengesho+.
9 Nzobwira Imana yo rutare rwanje+ nti:“Kubera iki wanyibagiye+?Kubera iki ngenda mbabaye bitewe n’agahahazo k’umwansi+?”
10 Abanyanka bansize iceyi, basinzikaza amagufa yanje+,Bukarinda bwira bambwira ngo: “Imana yawe iri hehe+?”
11 Ewe mutima wanje, kubera iki wihebuye+?Kubera iki usebagirika muri jewe+?Rindira Imana+,Kuko nzoshishikara kuyihaya ko ari yo bukiriro bwanje buhambaye, ko ari yo Mana yanje+.