Zaburi 4:1-8
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya+. Agahibongozo ka Dawidi.
4 Iyo mpamagaye, nunyishure, ewe Mana yanje igororotse+!Mu marushwa nuntegurire ahagutse.Ngirira ubutoni+, wumve isengesho ryanje.
2 Yemwe bana b’abantu, ubuninahazwa bwanje+ buzoba ubwo gutukwa gushika ryari,Mu gihe muguma mukunda ibintu ata co bimaze,Mu gihe muguma murondera ikinyoma? Sela.
3 Nimumenye rero ko Yehova atazobura gutonesha intahemuka yiwe+;Yehova ubwiwe azokwumva ninamuhamagara+.
4 Mute umutwe, ariko ntimucumure+.Muvugire mu mutima wanyu, ku gitanda canyu+, mugume mucereje. Sela.
5 Mushikane ibimazi vy’ubugororotsi+,Kandi mwizigire Yehova+.
6 Hari benshi bavuga ngo: “Ni nde azotwereka iciza?”Nuturasireko umuco wo mu maso hawe+, Yehova we!
7 Ntuzobura gushira mu mutima wanje umunezero+Mwinshi kuruta igihe intete zabo n’umuvinyu wabo mushasha vyagwira+.
8 Nzokwiryamira nisinzirire mu mahoro+,Kuko wewe wenyene, ewe Yehova, ari we utuma mbaho mu mutekano+.