Zaburi 39:1-13
Ku muyobozi wa Yedutuni+. Agahibongozo ka Dawidi.
39 Navuze nti: “Nzorinda inzira zanje+Ngo sincumure n’ururimi rwanje+.Nzoshiraho ikirumyo kirinda umunwa wanje+,Igihe cose umubisha azoba ari imbere yanje+.”
2 Nagumye mu gacerere, ncika nk’ikiragi+;Nagumye ninumiye ku vyerekeye iciza+,Ukubabara kwanje na kwo kurakumirwa.
3 Umutima wanje warashuhiye imbere muri jewe+;Mu gihe c’ukuniha kwanje umuriro wagumye waka.Navuze n’ururimi rwanje nti:
4 “Menyesha iherezo ryanje, ewe Yehova+,N’urugero rw’imisi yanje, urwo ari rwo+,Kugira menye ingene ndi uwumara akanya isase+.
5 Raba! Imisi yanje wayigize imparurwa+;Ikiringo ubuzima bwanje bumara ni nk’ubusa imbere yawe+.Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu naho ahagarara ashikamye, nta kindi ari atari impemu zisohotse+. Sela.
6 Ni ukuri, umuntu burya agendagenda ari ishusho nsa+.Ni ukuri, basebagirikira ubusa+.Umuntu ararundanya ibintu, ntamenye uwuzobitwara+.
7 None ico nizigiye ni igiki, ewe Yehova?Ni wewe niteze+.
8 Nundokore unkize ibigabitanyo vyanje vyose+.Ntunshirireho kuba nk’iceyi c’imburabwenge+.
9 Nagumye ndi nk’ikiragi+; sinashoboye gukurako umunwa+,Kuko wewe ubwawe wagize ico ukoze+.
10 Nunkureko icago cawe+.Kubera urwanko rw’ukuboko kwawe, ubwanje burarangiye+.
11 Wakosoye umuntu ukoresheje ibikangiro vyiyamiriza ikosa+,Kandi ukuguta nk’agakoko* ibintu vyiwe vy’igikundiro+.Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu ni impemu zisohotse+. Sela.
12 Niwumve isengesho ryanje, ewe Yehova!Utege ugutwi ugutabaza kwanje+.Ntugume wicerereje ngo wirengagize amosozi yanje+.Kuko ndi kavamahanga gusa kuri wewe+,Inyambukira cokimwe na ba sogokuruza bose+.
13 Raba hirya unkureko amaso, kugira ngo nkayangane+Imbere y’uko nigira, simbe nkiriho+.”
Utujambo tw'epfo
^ Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.