Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 37:1-40

Ni izaburi ya Dawidi. א [ʼAlefu] 37  Nturungure kubera inkozi z’ikibi+.Ntiwumvire agashari abakora ibitagororotse+.   Kuko bazokabirana ningoga nk’ivyatsi+,Bayame nk’ivyatsi bitoto bikiri bishasha+. ב [Beti]   Niwizigire Yehova, ukore iciza+;Niwibere mw’isi, ukorane ubwizigirwa+.   Vyongeye, nusoserwe na Yehova+,Na we azoguha ivyo umutima wawe usaba+. ג [Gimelu]   Nuragize Yehova inzira yawe+,Kandi umwizigire+, na we ubwiwe azogira ico akoze+.   Kandi ntazobura kuzana ubugororotsi bwawe nk’umuco+,N’ubutungane bwawe nk’umutaga+. ד [Daleti]   Guma ucereje imbere ya Yehova+,Umurindire ubishashaye+.Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+. ה [Heʼ]   Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe+;Nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi+.   Kuko inkozi z’ikibi zizorandurwa+,Ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi+. ו [Vau] 10  Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho+;Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure+. 11  Mugabo abatekereza bazokwigabira isi+,Kandi bazokwinovora amahoro menshi+. ז [Zayini] 12  Umubisha agīra umugambi mubi umugororotsi+,Akamuhekenyera amenyo+. 13  Yehova ubwiwe azomutwenga+,Kuko abona neza yuko umusi wiwe uzoza+. ח [Heti] 14  Ababisha basokoye inkota, bafora n’umuheto wabo+,Ngo bagwishe umuntu w’umurushwa kandi w’umworo+,Ngo bakerere abagororotse mu nzira yabo+. 15  Inkota yabo izobinjira mu mutima+,Imiheto yabo na yo ivunagurwe+. ט [Teti] 16  Hopfuma dukeyi tw’umugororotsi+Kuruta umurengera w’ababisha benshi+. 17  Kuko amaboko y’ababisha azovunagurwa+,Mugabo Yehova azoshigikira abagororotsi+. י [Yodi] 18  Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu+,Kandi intoranwa yabo izogumaho no gushika igihe kitagira urugero+. 19  Ntibazomaramara mu gihe c’ivyago+,Kandi mu misi y’ikigoyi bazohaga+. כ [Kafu] 20  Kuko ababisha bazoyogera+,Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+. ל [Lamedi] 21  Umubisha aragurana ntiyishure+,Mugabo umugororotsi agira impuhwe kandi agatanga ingabirano+. 22  Kuko abo ahezagira bazokwigabira isi+,Mugabo abo ahamagarirako akabi bazorandurwa+. מ [Memu] 23  Intambuko z’umuntu w’umugabo zateguwe na Yehova+,Kandi Imana irahimbarwa n’inzira yiwe+. 24  Naho yotemba, ntazoraririzwa hasi+,Kuko Yehova ashigikiye ukuboko kwiwe+. נ [Nuni] 25  Narabaye umusore, mbere ndashaje+,Yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere+,Canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate+. 26  Agira impuhwe kandi agatanga ingurane bukarinda bwira+,Bigatuma uruvyaro rwiwe rwitega umuhezagiro+. ס [Sameki] 27  Nureke ikibi, ukore iciza+,Uheze wibereho gushika igihe kitagira urugero+. 28  Kuko Yehova akunda ubutungane+,Kandi ntazoheba intahemuka ziwe+. ע [ʼAyini]Vy’ukuri zizorindwa gushika igihe kitagira urugero+;Nayo uruvyaro rw’ababisha, ruzorandurwa koko+. 29  Abagororotsi bazokwigabira isi+,Kandi bazoyibako ibihe bidahera+. פ [Peʼ] 30  Akanwa k’umugororotsi ni ko kavuga ubukerebutsi n’ijwi ritoyi+,Kandi ururimi rwiwe ni rwo rucisha aho ukuri kuri+. 31  Itegeko ry’Imana yiwe riri mu mutima wiwe+;Intambuko ziwe ntizizonyoganyoga+. צ [Tsade] 32  Umubisha aguma areretse umugororotsi+,Akarondera kumwica+. 33  Nayo Yehova, ntazomuhebera mu kuboko kw’uyo+,Ntazomwita umubisha igihe acirwa urubanza+. ק [Kofu] 34  Niwizigire Yehova, ugumye inzira yiwe+,Na we azogushira hejuru wigarurire isi+.Ababisha nibarandurwa, uzobibona+. ר [Reshi] 35  Narabonye umubisha ari intwazamukazo+,Agatagarara nk’igiti gitotahaye mw’ivu ryiwe kavukire+. 36  Yamara arahita, ntiyaba akiriho+;Nagumye ndamurondera, arabura+. ש [Shini] 37  Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse+,Kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro+. 38  Ariko abagabitanya bazozimanganirizwa icarimwe ata kabuza+;Kazoza k’ababisha kazorandurwa koko+. ת [Tau] 39  Ubukiriro bw’abagororotsi buva kuri Yehova+;Ni we ababera iboma mu gihe c’amarushwa+. 40  Kandi Yehova azobatabara, abarokore+.Azobarokora abakure mu vyara vy’ababisha, abakize+,Kuko bahungiye muri we+.

Amakuru yiyongereye