Zaburi 36:1-12
Ku muyobozi. Ni zaburi y’umusavyi wa Yehova, Dawidi.
36 Ico ukugabitanya kubwira umubisha, kiri hagati mu mutima wiwe+;Nta kugirira ubwoba Imana kuri imbere y’amaso yiwe+.
2 Kuko mu maso yiwe bwite yiyorohereje birenze urugero+Bigatuma atabona ikosa ryiwe ngo aheze aryanke+.
3 Amajambo y’akanwa kiwe ni ibibabaza n’ubuhendanyi+;Yaretse kugira ugutahura kwimbitse kwo gukora ineza+.
4 Aguma ategura umugambi w’ibibabaza ku gitanda ciwe+.Ahagarara mu nzira itari nziza+.Ikibi ntata nk’akanuka+.
5 Ewe Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri mu majuru+;Ubwizigirwa bwawe bugereza mu bicu+.
6 Ubugororotsi bwawe ni nk’imisozi y’Imana+;Ingingo yawe y’ubutungane ni inyenga y’amazi nini amahanga+.Umuntu n’igikoko urakiza, ewe Yehova+!
7 Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.
8 Banywa ibinure vyo mu nzu yawe bagahozagara+;Ubanywesha ku ruzi rw’isumo rw’ibinezereza vyawe+.
9 Kuko iwawe ari ho hari isôko ry’ubuzima+;Biciye ku muco uva kuri wewe turabona umuco+.
10 Bandanya kwereka ubuntu bwuzuye urukundo bwawe abakuzi+,N’ubugororotsi bwawe ab’umutima ugororotse+.
11 Ese ikirenge c’ubwibone kitoza kuntera+;Nayo ukuboko kw’ababisha, ntikungire inyererezi+.
12 Aho ni ho abakora ibibabaza bagūye+;Barahenuwe, ntibashobora guhaguruka+.