Zaburi 36:1-12

Ku muyobozi. Ni zaburi y’umusavyi wa Yehova, Dawidi. 36  Ico ukugabitanya kubwira umubisha, kiri hagati mu mutima wiwe+;Nta kugirira ubwoba Imana kuri imbere y’amaso yiwe+.   Kuko mu maso yiwe bwite yiyorohereje birenze urugero+Bigatuma atabona ikosa ryiwe ngo aheze aryanke+.   Amajambo y’akanwa kiwe ni ibibabaza n’ubuhendanyi+;Yaretse kugira ugutahura kwimbitse kwo gukora ineza+.   Aguma ategura umugambi w’ibibabaza ku gitanda ciwe+.Ahagarara mu nzira itari nziza+.Ikibi ntata nk’akanuka+.   Ewe Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri mu majuru+;Ubwizigirwa bwawe bugereza mu bicu+.   Ubugororotsi bwawe ni nk’imisozi y’Imana+;Ingingo yawe y’ubutungane ni inyenga y’amazi nini amahanga+.Umuntu n’igikoko urakiza, ewe Yehova+!   Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.   Banywa ibinure vyo mu nzu yawe bagahozagara+;Ubanywesha ku ruzi rw’isumo rw’ibinezereza vyawe+.   Kuko iwawe ari ho hari isôko ry’ubuzima+;Biciye ku muco uva kuri wewe turabona umuco+. 10  Bandanya kwereka ubuntu bwuzuye urukundo bwawe abakuzi+,N’ubugororotsi bwawe ab’umutima ugororotse+. 11  Ese ikirenge c’ubwibone kitoza kuntera+;Nayo ukuboko kw’ababisha, ntikungire inyererezi+. 12  Aho ni ho abakora ibibabaza bagūye+;Barahenuwe, ntibashobora guhaguruka+.

Utujambo tw'epfo